Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Yivye isaha ayinyegeza mu gihimba c’irondoka ciwe
Yivye isaha ayinyegeza mu gihimba c’irondoka ciwe
mardi 8 Ndamukiza 2014
Umukobwa akora akazi ko gukanda (massage) yagirizwa icaha co kwiba isaha y’agaciro kanini y’umutamakazi yaraje kwikandisha. Inyuma y’impari nyinshi hagati y’abo babiri, uwo mukobwa yahavuye yemera ko yayivye aca ayinyegeza mu gihimba c’irondoka ciwe.
Christina afise imyaka 25, akora mu nzu y’ingezi yitwa Wynn iri i Las Vegas muri Reta Zunzubumwe z’Amerika aho afise akazi ko gukanda (massage). Mu kwezi kwa Nzero guheze uno mwaka, yakiriye umutamakazi w’umutunzi w’imyaka 60, bumvikanako amukanda ku mafaranga y’amadorari 300. N’iko kumukura ivyo yambaye vyose harimwo isaha yo mu bwoko bwa Rolex ifise agaciro k’amafaranga 35.000 vy’amadorari (ashobora kungana n’amarundi 56.000.000).
Hageze ko wa mutamakazi yitahira, arondera ya saha arayihebura maze ayagiriza Christina. Uwo nawe yamirira kure ivyo yagirizwa. Abajejwe umutekano bakorera aho baje gusukamwo mabisi, bongera batangazwa n’ukuntu iyo saha yoba yazimiye kandi atawigeze asohoka muri ico cumba haba Christina canke uwo mutamakazi.
Inyuma yo guhakana icaha akanagiriza uwo mukecuru ko ashavujwe n’uko yanse ko bahuza ibitsina babisangiye, Christina yahavuye yemera ko ari we yayitwaye. Aca abwira abajejwe umutekano ko yayinyegeje mu gihimba ciwe c’irondoka. Ni ko kugenda kuyimukuramwo bitaboroheye.
Mu gihe Christina azorenguka kw’igenekerezo rya 15 Rusama, amakuru ava mu kinyamakuru Las Vegas Review Journal avugako ashobora gucirirwa umunyororo w’imyaka 20. Uwumuburanira nawe abonako Christina yahohotewe n’abajejwe umutekano mu gihe bariko bamukora mu gihimba c’irondoka bamukuramwo iyo saha.
Chérif Nkeshimana
Messages
9 Ndamukiza 2014, 06:34, par Mutara
None yahohotewe mu kuyikurayo kandi atahohotewe mu kuyishirayo?Yari asanzwe yagutse uwo mukobwa!Isaha(icuma) irahereramwo? Ni Kimizi kweli!Umugabo yomuturukira yohava asanga yahezeyo canke akinjizayo n’umutwe!
9 Ndamukiza 2014, 08:34, par Muhoza
Mutara urantwengeje pe.Bati uwubayeho azobona ekape bisize ubwenge .Ahubwo uyo mugore ateye ubwoba
9 Ndamukiza 2014, 23:12, par NDAYISENGA
TUZA TWAHUMIRWA IGITSINA=POCHE?IVYO BIBAHO?NSINDABITAHURA.ICUMA MUMUBIRI!IMPOSSIBLE NINDE YONYEMEZA KO BISHOBOKA?
27 Ruheshi 2015, 15:19, par keza mireille
ivyo nibiterason kuk akemesheje natw abakobw dukora akokazi
27 Mukakaro 2015, 19:48, par Déogratias
NNE VYAMUGENDEYE GTE KWIBA IYO SAHA ?
30 Mukakaro 2015, 06:58, par nkundwanabake djuma
nukuri biragoye ubukene bugiranabi usanga uwomukobwa yarakenye bomubaza icabimuteye hanyuma basanze aringeso bakamuhana basanze arubukene bakayimuhebera kukobasanzwe banafise vyinshi vyobavyiza
19 Ruheshi 2017, 22:12, par Dj King Thomas
27 Ndamukiza 2018, 21:13, par ZARAHA
UWOMWIGEME ARATEYISONI KWIBA UMUKIRIYEWIWE AGACA ANYEGEZA IVYIYIVYE MUGITSINA AKWIYEGUHANWA KUKO NABOBASANGIYIGITSINA ARABANDAGAJEKO BASIGAYEBAFISE UBUBIKO MUGITSINA NAHANWEBIKOMEY