Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Yiyemeje kumenyesha umugore wiwe ko yatsindiye imiriyoni 3,2€ ku munsi wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Yiyemeje kumenyesha umugore wiwe ko yatsindiye imiriyoni 3,2€ ku munsi wa (...)

Yiyemeje kumenyesha umugore wiwe ko yatsindiye imiriyoni 3,2€ ku munsi wa Saint Valentin

mercredi 13 Ruhuhuma 2013

Kuri saint valentin, hari abazoha abakunzi babo udushurwe, abandi bavuga ko bazobaha ama bijoux(amahereni,impeta,amashenete…) abandi nabo bazosokana n’abo bakundana…

Hari uwundi mugabo yateguye ko azomenyesha umugore wiwe ko yatsindiye imiliyoni 3,2 z’amafaranga y’abanyaburaya akaba ariwe wenyene yashoboye gutsindira ayo mafaranga igenekerezo rya 30 nzero muri Loto.

Yateguye ko azotumira umukenyezi wiwe mu nzu y’uburiro itunganijwe neza hanyuma aheze abimumenyeshe kuko yari amaze indwi zibiri atanakimwe aramubwira.

Uwo mugabo rero avuga ko yibaza ko umugore wiwe atazohava avyemera ivyo amubwiye kuko asanzwe ari umutezi w’inkuru cane ariko ngo vyose yarabiteguye kuko yamaze gufotoza na cheque yanditse ko ayo mafaranga bamuhaye azoca ayimwereka kandi yizeye ko umugore wiwe atazoca agwara indwara y’umutima abibonye,kanatsinda ngo ntasanzwe ayigwaye.

Hari nk’isaha zitanu z’ijoro yiyicariye wenyene muri salon ariko araba kumboneshakure abantu boba batsinze muri Loto aca asanga yakinye ibiharuro vyo.

Umugore wiwe n’abana bose ngo bari basinziriye cane aca ahitamwo kwinumira ariko ngo yaciye abanza kuja mukazu ka sugwumwe arasimba ariko adatera akaruru kugira ntihagire uwikeka ikintu na kimwe. Bamubajije ingene vyagenze kugira yigumizemwo ikintu nk’ico umwanya ungana ukwo kwose, amenyesha ko ari umuntu asanzwe azi kwifata kandi gushika n’ino saha ngo ntarakurako amafaranga na makeya kandi ngo yabandanije abaho nk’uko yarasanzwe abaho.

Uwo mugabo ngo asanzwe ari umuntu agira imigisha kuko yarigeze gutsindira amafaranga y’amanyaburaya 120 000 muri Loto nyene. Ariko yateguye ko azoca agura umuduga mwiza, agure n’amazu y’abana biwe ace aja mu karuhuko mw’ihoteri nziza kandi ngo azobandanya akora akazi kiwe nk’uko bisanzwe akaba yahora ahembwa 5000 vy’amafaranga y’abanyaburaya.

Amenyesha ko atazobwira abana biwe kuko ngo ntibosubira kwiga, abantu bazobimenya bonyene ko afise amafaranga angana uko yose azoba ari umugore wiwe hamwe n’uwo muntu akora mw’ibanki yamushikirije iyo cheque.

Ngo abana biwe ni bamubaza iyo yakuye amafaranga yo kugura uwo muduga n’ibindi ngo azovuga ko yafashe ideni mw’ibanki.

JPEG - 9.4 ko

Grace Irimbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.