Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Misiri : Umugore yiyoberanije kugira ashobore gutunga umuryango - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Umugore yiyoberanije kugira ashobore gutunga umuryango

Misiri : Umugore yiyoberanije kugira ashobore gutunga umuryango

mercredi 25 Ntwarante 2015, par IGIHE

Mu ntumbero yo gushobora kubeshaho umuryango wiwe, Sisa Abu Daooh yiyoberanije yigira umugabo kugira ashobore kuronka akazi. Umukuru w’igihugu ca Misiri, akaba yamushimiye kubera ico gikorwa kidasanzwe yakoze.

Inkuru y’uwo mupfasoni itangurira mu mwaka w’1972, aho yapfakara, umugabo wiwe akaba yamusigaranye imbanyi, nawe akaba yari afise imyaka miringo ibiri. Muri ico gihe rero, basaza we ntibamuhaye agahengwe kuko baguma bamusaba ko yokwubaka ubugira kandi, mbere bakaba baguma bamuzanira abagabo nk’uko avyiganira ikinyamakuru "The Guardian."

Uwo mupfasoni asanzwe ava mu karere ko mu Misiri, aho umukenyezi adashobora kwiyumvira gukora akazi, yaciye afata ingingo yo kwiyoberanya yigira umugabo kugira ashobore kubeshaho umuryango wiwe, ugizwe n’umwana umwe. Ati : "Ntivyari vyoroshe na gato kwigira umuntu w’umugabo kandi uri umukenyezi, ariko rero iyo ntabigira gurtyo basaza banje bari kundya umutima canke bakanambuza gukora."

Sisa Abu Daooh yaciye akata imishatsi yiwe

"Ntangura kwambara ya myambaro y’abagabo mu ntumbero yo kurondera akazi, nambara ibirato vy’abagabo. Naciye mpitamwo gukora cane, nkikorera amatafari canke imifuko y’isima. Nahisemwo kandi gusiga isiraje ibirato vy’abagabo, hako nsegerereza mw’ibarabara, kugira nshobore kubeshaho umukobwa wanje hamwe n’abana biwe.

Mu ntumbero yo kwirinda amaso y’abagabo, hamwe no kudaciribwa umukenke kubera imico n’imigenzo, yaciye ahitamwo kuba umugabo nyene, yambara nkabo, akora nkabo, aca aja gukorera mu karere ata n’umwe yari amuzi, nk’uko abandanya abivuga.

Umukuru w’igihugu ca Misiri, mu kumushimira iyo nyifato, yaciye amwambika umudari, yongera amuha amafaranga agera ku bihumbi bitandatu vy’amafaranga y’amanyaburaya. Akaba yamwise umupfasoni w’umukozi w’akarorero.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.