Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
You Tube yasohoye urutonde rw’abaririmvyi barabwe cane kuri urwo (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Mumakungu > You Tube yasohoye urutonde rw’abaririmvyi barabwe cane kuri urwo (...)

You Tube yasohoye urutonde rw’abaririmvyi barabwe cane kuri urwo rubuga

mardi 3 Ntwarante 2015

Hasohotse urutonde rw’abaririmvyi bazohembwa ku bw’ indirimbo zabo zarabwe cane kuri You Tube. Ubushimwe bwa You tube Awards 2015 n’ihiganwa riba uko umwaka utashe hanyuma rigatanga ubushimwe ku baririmvyi, kubera indirimbo zabo zagiye zirabwa cane kurusha izindi hamwe n’abagiye bakurikirwa kuri urwo rubuga.

Beyonce,Rihanna,Miley Cyrus

You tube yashize ahagaragara urutonde rw’abaririmvyi bagera kuri 50 bagiye kuronka ubushimwe kubera ukuntu indirimbo zabo zagiye zirabwa cane kuri You tube, ubwinshi bw’abantu bagiye babakurikira ku rubuga, vyongeye n’ukuntu abo baririmvyi bagiye bakoresha urubuga You tube mu gushirako indirimbo zabo ku bwinshi nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru DailyMail.

Lindsey Stirling

Ibihagange bikomeye mu muzika nka Rihanna, Lady Gaga, Beyonce, Nick Minaj, Pharell Williams, Snoop Dog, Miley Cyrus bari muri bamwe bagiye gutahukana ubushimwe bwa You tube Awards mu mwaka w’2015.

Pharell Williams
Sam Smith

Indirimbo zimwe zagiye zirabwa cane harimwo "Happy" ya Pharell Williams, "Partition"ya Beyonce, "Only One" ya Sam Smith, "Monster for Life"ya Lady Gaga, "shake it off"ya Taylor Swift.

Lady Gaga
Taylor Swift

Mwomenya ko ubushimwe bwa mbere bwa You Tube Awards bwatanguye ubwa mbere mu mwaka w’2013, bica vyegukana umuririmvyi wo mu mudiho wa Rap Eminem.

Nicki Minaj

Raba Urutonde rw’abazoronka ubushimwe muri You Tube Awards n’amasanamu yayo:

2NE1
Lady Gaga
Lindsey Stirling
Martin Garrix
Max
Megan Nicole
Meghan Trainor
Miggs
Miley Cyrus
Nicki Minaj
Nicky Jam
OK Go
One Direction
Pentatonix
Pharrell Williams
Rihanna
Sam Smith
Sia
Snoop Dogg
Taylor Swift
The Weeknd
Tinashe
Tori Kelly
Tove Lo
Troy Sivan
Tyler Ward
Alt-J
Ariana Grande
Beyonce
Bigbang
Big Sean
Brad Paisley
Charlie XCX
Dej Loaf
Drake
Ed Sheeran
Ella Henderson
Fifth Harmony
Florida Georgia Line
FKA Twigs
George Ezra
Hoodie Allen
Hozier
Hunter Hayes
J. Cole
Jason Derulo
Katy Perry
Kendrick Lamar
Kiesza
Kurt Hugo Schneider


Lorene Nubwabo

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.