Accueil > Amakuru > Ubutungane > Za sentare zakoze kuruta izindi muri uyu mwaka zahawe ubushimwe
Za sentare zakoze kuruta izindi muri uyu mwaka zahawe ubushimwe
jeudi 26 Kigarama 2013
Muri uyu mwaka, igisata c’Ubutungane kimenyesha ko ku madosiye y’imanza agera ku bihumbi 38162, ayagera ku bihumbi 28993 y’imanza zaciwe bisigura ko, muri uyu mwaka ubwo bushikiranganji bwakoze gushika ku bice 70,03 kw’ijana. Imanza zisigaye gucibwa zikaba zingana n’9169 ku rwego rwose rw’igihugu.
Ivyo biharuro rero, bikaba vyashikirijwe na Pascal Barandagiye umushikiranganji w’ubutungane igihe bariko barahimiriza inyarutswa ry’imanza mu gihugu cose, ivyo bikorwa navyo bikaba vyabereye mu ntara ya Gitega. Muri iyo nama yari yitabwe n’abakuru ba za sentare z’intango, umushikiranganji w’ubutungane akaba ashimishwa n’ibikorwa baranguye, kuva mu gice ca kabiri cihimirizwa ry’imanza co ku va mu kwezi kwa Nyakanga gushika muri Kigarama, ndetse akaba yamenyesheje ko ari ubwa mbere, ubwo bushikiranganji bushobora gushikana ku bice 70,03 kw’ijana vy’imanza zaciwe mu Burundi bwose.
Ku bw’umushikiranganji Barandagiye, amenyesha ko ubushikiranganji bw’ubutungane bugiye kunyarutsa guca imanza, kuko bimaze kugaragara ko hari aho amadosiye y’imanza aba umurengera, izo manza zigateba gucibwa. Ndetse umushikiranganji akaba yasavye zimwe muri za sentare zitashoboye gukora nk’izindi mw’isekeza rigira kabiri, kubandanya baca imanza, mpaka baziheraheze nk’abandi.
Izo sentare rero ziri inyuma y’izindi zikaba ari iza Bururi, Muramvya, Muyinga na Kirundo. Ubushimwe butandukanye bukaba bwaciye buhabwa intara ya Gitega, igisagara ca Bujumbura, na sentare ya Rumonge hamwe na Gashikanwa, kuba muri iryo sekeza izo sentare zarakoze birashimwa, mu guca imanza nyinshi kurusha ahandi.
Aristide Nizigire