Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zambia : Abanyagihugu barindiranye igishika ibiva mu matora y’umukuru (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zambia : Abanyagihugu barindiranye igishika ibiva mu matora y’umukuru (...)

Zambia : Abanyagihugu barindiranye igishika ibiva mu matora y’umukuru w’igihugu

jeudi 11 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abanyagihugu bo muri Zambia bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu, hamwe n’ay’abashingamateka. Abiyandikishije kugira bitabe ayo matora bagera ku miriyoni 6.7.

Mu kibanza c’umukuru w’igihugu, uwuhari ubu, Edgar Lungu w’umugambwe PF, hamwe n’uwuserukira umugambwe utavuga rumwe na Reta wa UPND, Hakienda Hichilema nibo bahanganye.

Incuro ya mbere, uwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ategerezwa gushikana ibice 50 kw’ijana vy’amajwi, hamwe n’irindi nota rimwe kw’ijana kugira ntaje mu matora agira kabiri. Umukuru w’igihugu, Edgar Lungu, niwe yatsinze amatora aheruka ku majwi 48 kw’ijana.

Abaraba ibintu n’ibindi muri poritike ya Zambiya bavuga ko ikibazo c’ubutunzi bugenda bugabanuka arico abatora bashora kwishimikiza cane.

Itakara ry’agaciro k’umujumpu, ari nayo nkingi y’ubutunzi bw’ico gihugu, ryatumye vyinshi mu birombwe vyugarwa, abantu benshi baratakaza akazi.

Ukwiyongera kw’ubutunzi kwaragabanutse gushika ku ca kabiri, Zambia ikaba yarasavye n’imfashanyo mu kikega c’isi yose FMI.

Uretse ivyo, Zambia co kimwe no mu bindi bihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika, ihanganye n’ikibazo c’uruzuba kitari bwigere gishika mu myaka 35 iheze.

Edgar Lungu yari yatsinze amatora yateguwe inyuma y’urupfu rw’umukuru w’igihugu Michael Sata.

Umugambwe wa UPND (United Party for National Front) wagiriza umukuru w’igihugu ahari ubu ariwe Edgar Lungu ko ubutunzi bw’ico gihugu buriko buratemba arorera.

Ariko umugambwe uri ku butegetsi wa PF (Patriotic Front) uvuga ko uriko urarondera inzira yo kuzamura ubwo butunzi.

Ishirahamwe rimwe ryagabishije ko imishamirano yagaragaye mu gihe co kwiyamamaza ishobora gutuma bamwe mu biyandikishije mu matora batayitaba.

Iryo shirahamwe rya Zambian Elections Information Centre rivuga ko impande zose zidakurikiza amategeko y’abajejwe umutekano.

Uwuhiganwa n’umukuru w’igihugu ahari, Hakainde Hichelema yemeye guhagararira ubutunzi bw’ico gihugu mu gihe yotahukana intsinzi.

Ku musi wa kabiri, umukuru w’akanama kajejwe gutegura amatora, Esau Chulu, yasavye abo bategetsi babiri bahanganye kudatuma haba imishamirano.

Amatora aza kurangira isaha 18 muri Zambia kuri uwu wa kane, ivyayavuyemwo bikaba vyitezwe ku musi wa gatanu canke kuwa gatandatu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.