Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe: Igipolisi canse ko abanyamasendika bagira imyiyerekano
Zimbabwe: Igipolisi canse ko abanyamasendika bagira imyiyerekano
lundi 10 Myandagaro 2015
Igipolisi c’igihugu ca Zimbabwe cabujije abanywanyi ba sendika nkuru muri ico gihugu kugira imyiyerekano,inyuma yaho hari abakuwe mu buzi ku buryo budasiguritse.
Japhet Moyo,umunyamabanga mukuru w’ihuriro ry’amasendika mu gihugu ca Zimbabwe ZCTU,yavuze ko igipolisi cabasanze aho bariko bategurira iyo myiyerekano,baca bababuza kubandanya bongera bahagarika bamwe mu barongozi.
Japhet Moyo yavuze ko igipolisi caciye kibashwiragiza kure yahari hategekanijwe kubera imyiyerekano,mu ntumbero yo kwerekana akababaro bafise kubera gutakaza akazi.
Umunyamabanga mukuru w’ihuriro ry’amasendika akamenyesha ko bazobandanya imyiyerekano,akavuga ko yatangajwe no kubona igipolisi gikora ivyo mu gihe bari babimenyesheje abarongozi.
Van Naris Mugisha
Messages
10 Myandagaro 2015, 13:33, par freedom
mana tabarisi yawe iriko yononwa nibiremwa vyawe kuko umuntu ntakivuga ico yiyumvira shetani yamaze kwinjira mubiremwa vyawe