Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Mugabe yagiriza ibihugu vya Buraya gushaka kumuhenura
Zimbabwe : Mugabe yagiriza ibihugu vya Buraya gushaka kumuhenura
jeudi 4 Kigarama 2014
Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe avuga ko icegera ciwe ariko akora ibinyuranye n’amategeko kugira ashikire ubutegetsi.
Mugabe akaba agabisha icegera ciwe Joice Mujuru ko ivyo ariko arakora binyuranye n’amategeko, ko kandi ivyo atabwenge abishiramwo. Avuga ko yokwitondera ivyo arimwo, kuko we (Mugabe) yemeza ko abanyagihugu bamuyoboka nk’uko inzuki ziyoboka igitiba, nk’uko yabibwiye abayoboke biwe kuri uyu wa gatatu Kigarama.
Abakurikiranira ibintu hagufi, bakavuga ko uwo mutama w’imyaka igera kuri 90, ivyo yabivuga kugira umugore wiwe ariwe Grace Mugabe, ashobore kuzokwitoza mu kibanza ciwe. Ubu akaba yagiriza ibihugu vya Buraya ko bishaka kumuhenura, biciye ku cegera ciwe Joice Mujuru.
Aristide Nizigire
Messages
4 Kigarama 2014, 18:34, par rwarakabije
Mugabe is an old man he has to step down
4 Kigarama 2014, 19:49, par Girukwayo Pierre
Sir Mugabo Has To Stop To Insult His Vice Because It May Cause A Political Crise.Instead Of Insulting Her,it Would Be Better To Ask Her Sacretly In Order To get A Salution Of What He Did As A Fault According To Mugabe.
9 Kigarama 2014, 17:30, par umusomyi sarah
Arashaje nasigeho