Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Robert Mugabe yatsinze mu matora y’umukuru w’igihugu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Robert Mugabe yatsinze mu matora y’umukuru w’igihugu

Zimbabwe : Robert Mugabe yatsinze mu matora y’umukuru w’igihugu

dimanche 4 Myandagaro 2013

Umukuru w’igihugu ca Zimbabwe Robert Mugabe, akwije imyaka 89 y’amavuka na 33 ku butegetsi, ivyavuye mu matora aheruka kuba bimenyesha ko yaronse amajwi 61 kw’ijana mu matora y’umukuru w’igihugu, Morgan Tsvangirai nawe bahiganwa aronka 34 kw’ijana.

Morgan Tsvangirai yari yamenyesheje ko amatora y’abashingamateka n’ay’umukuru w’igihugu yibwe, avuga ko azokwitura ubutungane.
Yavuze ko umugambwe wiwe MDC (Movement for Democratic Change) utazokwemera gukorana na ZANU-PF wa Robert Mugabe.

Iyo migambwe yasangiye ubutegetsi kuva mu matora aheruka yo mu mwaka w’2008 yakurikiwe n’imigumuko.
Amatora y’abashingamateka yerekana ko umugambwe MDC warushijwe kuko watahukanye intebe 49 ku 158 za ZANU-P.

Amakuru dukesha BBC amenyesha ko mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru imbere y’uko amajwi y’amatora y’umukuru w’igihugu atangazwa, Morgan Tsvangirai yavuze ko Zimbabwe iri mu kigandaro.
Yavuze ko ayo matora yibwe kandi vyashize igihugu ca Zimbabwe mu kibazo c’ibwirizwanshingiro, ca politike n’ubutunzi.

Ishirahamwe rya Bulaya risanzwe ryarafatiye ibihano umukuru w’igihugu Robert Mugabe rivuga ko ritewe impungenge n’ibivurwa ko abari biyandikishije batatoye bose.

Umurwi munini kurusha iyindi mu yahagarikiye ayo matora, wemeza ko ibibazo vy’abiyandikishije ntibashobore gutora vyabonetse cane mu bice birwiriyemwo abanywanyi b’umugambwe MDC, ari nawo Morgan Tsvangirai akomokamwo.
Umwe muri bagize umurwi ujejwe amatora yaraye atanze imihoho kubera uburyo ayo matora yatunganijwe.

Ariko imiryango y’Ubumwe bwa Afrika na SADC yarashimye uko ayo matora yatunganijwe. Afrika y’epfo nayo isaba abavuga ko habayemwo utunenge gutanga ivyemezo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.