Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zimbabwe : Umukenyezi ari ku mbanyi aratangishwa ikori iyo akomye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Zimbabwe : Umukenyezi ari ku mbanyi aratangishwa ikori iyo akomye (...)

Zimbabwe : Umukenyezi ari ku mbanyi aratangishwa ikori iyo akomye akaruru

mardi 16 Mukakaro 2013

Umukenyezi ari ku mbanyi ababaye igihe inda imufashe ngo ni ikintu c’agaciro muri zimbabwe kidapfa gukora nyarucari. Ni mwumve namwe iryo bara.

Kubw’icegeranyo c’ishirahamwe rigwanya igiturire "Transparancy international" , ibitaro bimwe vyo muri Zimbabwe vyarashizeho ikori ku bakenyezi bagiye kwibaruka rigera ku ma dorari atanu mu gihe cose agiye arakoma induru ko ababaye, uko akomye induru ni ukuvuga amadorari atanu aba agiye.

Iryo kori rikaba ata nsiguro rifise itomoye. Kuri ivyo bitaro barishizeho kugira bakinge ko abo bakenyezi baguma bikanga ko bagomba bavyare, bigabanuke bareke kuza barahamagara umuganga akanya kose uko bumvise bababaye. Uko kukaba ariko ubuyobozi bwo kuri ivyo bitaro vyo mu gihugu ca Zimbabwe bubisigura.

Abakenyezi badashoboye kuronka iryo kori igihe bagize ubwo bubabare bagakoma induru baca bapfungirwa muri ivyo bitaro gushika baronke amahera yo kuriha. Iyo ngendo yaciwe iterwa ivyatsi n’abanya Zimbabwe baba hafi y‘ivyo bitaro. Bamwe bamwe baciye baza baraheba kwitura ivyo bitaro, bakibarukira muhira mu gihe muziko hari n’ingaruka nyishi ku mukenyezi yibarukiye ahatari kwa muganga.

Muri iki gihe, ico gihugu kiri mu bihugu bimwe bikenye vyo muri Afrika, aho usanga amahera umuntu umwe yinjiza agera ku ma dorari 150 ku mwaka. Ubu aho bigeze usanga umuvyeyi arira iyo umwana avutse kubera ata buryo aba afise. Umuvyeyi uca usanga akoresha nk’igice c’umushahara wo ku mwaka iyo ageze kwibaruka. Iyo nyifato mbi y’ivyo bitaro ikaba yaratewe ivyatsi n’iryo shirahamwe rigwanya ibiturire, aho ndetse baciye batanguza isekeza ryo gutera intege abo bakenyezi b’abanyazimbabwe kugira bashengeze abo bakozi ba Leta barya ibiturire.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.