Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ukuvuvudikira ’’umukunzi’’ kimwe mu bituma bamwe bamana amarira mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Ukuvuvudikira ’’umukunzi’’ kimwe mu bituma bamwe bamana amarira mu (...)

Ukuvuvudikira ’’umukunzi’’ kimwe mu bituma bamwe bamana amarira mu ngo

mercredi 5 Ntwarante 2014

Gutandukana n’uwo mwakundanye bitewe n’impamvu iyi canke iriya ariko mwarigeze kugirana ibihe vyiza, bituma umwe murabo canke bose batibagirana. Iyo rero bishitse ntibagire amahirwe yo kwubakana ngo babane nk’umugabo n’umugore, nta kibuza umwe wese aguma yibuka umwe wa mbere, mu gihe ico yari yiteze kuri uwo bubakanye atakironse.

Abahinga bavugako urukundo ari urwa mbere. Bisigurako umuntu wa mbere umuhungu canke umukobwa akunze, nawe akamukundira ashobora kuba ntibagirwa mu mutima no mu mutwe wiwe. Haraho rero bishika ibere rikayaga, agatotsi ka karwa mu mata, ba bantu bagahebana. Guhebana hagati y’abantu bari bakundanye atari urwa gahemo ariko batarubakana biva ku bintu vyinshi. Iyo hagize agacamwo umukobwa canke umuhungu abonako azoca aronka uwundi, ni ho hava inyishu ngo” wibazako uri umuhungu (umukobwa wenyene)?

Ivyo rero biba kandi mu mitima yabo haba hakiriyo urukundo. Ehe rero wa muhungu canke wa mukobwa aciye yihutira gukundana n’uwundi, bigasa nk’uko womenga ashaka kwereka umwe yamuheba ko n’abandi bashobora kumukunda. Muri ico gihe, aba amwemeye kugira ntabeho atagira uwumubwira “ndagukunda”. Bibandanije bakagira ubugeni, ariko uwo bubakanye ntamuryohere, ntamukundwakaze gusumba uko yarakunzwe n’umwe wa mbere bituma rero wa mugore canke wa mugabo yibuka uko cane umwe yakunda ubwa mbere, ukwihebura kugatangura, kubana nabi kugakurikira, amarira mu rugo akaba nk’umuti bandikiwe na muganga.

Iyo urukundo nk’urwo ruhindukiye, bizana ingaruka mbi mu rugo kuko abubakanye baca basigara basa n’ababana kubera batinya isezerano canke kubera gutinya ababanyi n’umuryango, canke amategeko agenga ingo n’imiryango. Nta rukundo nyakuri baba bafitaniye. Igica gikwirikira n’uko umwe adashimishwa n’uwo bubakanye, aca yadukana ingeso yo kurenga ibigo arondera uwoba ameze nk’umwe wa mbere bahora bakundana, hagaca hatangura ukutumvikana mu rugo maze rugahava rusambuka.


Chérif Nkeshimana

Messages

  • Iyo nkuru niyo,jewe nanje vyambayeko maze 3years ntandukanye nuwo twubakanye.ariko ntana apeti ngifise yogushaka uwundi dukundana kandi nuwo twatandukanye nara mufuse mumaraso .

  • murakoze kubyo mwamye muvuga kubyerekeye abasore umusore akunda umukobwa akamwekako arukuri pe ariko yamara kumukubaganya umukobwa yamubwira ko habonetse ikibazo agahita ajya urugero mubugande yagerayo akiyita imanzi wowe ugasigara witwa indaya abasore bisubireho cyane ntibakaryamane na bana babandi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.