Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Zinedine Zidane yagenywe kumenyereza Real Madrid - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Zinedine Zidane yagenywe kumenyereza Real Madrid

Zinedine Zidane yagenywe kumenyereza Real Madrid

mardi 5 Nzero 2016

Zinedine Zidane yahoze akinira umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa na Real Madrid yagenywe gusubirira umumenyereza Rafael Benitez mu kumenyereza umurwi wa Real Madrid wo mu gihugu ca Espagne.

Umumenyereza mushasha wa Real Madrid Zinedine Zidane yagenywe mu mabanga yo kumenyereza Real Madrid kuri uno wa mbere igenekerezo rya 4 Nzero 2016.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ,umuyobozi w’umurwi wa Real Madrid Florentino Pérez yavuze ko ari umunezero kuri we kuba Zinedine Zidane agiye kumenyereza umurwi arongoye.

Zinedine Zidane afise imyaka 43 y’amavuko yari asanzwe amenyereza umurwi ugira kabiri wa Real Madrid kuva mu kwezi kwa gatandatu mu mwaka w’2014.

Kubwa Lilian Thuram bakinanye mu murwi nserukiragihugu w’Ubufaransa,Zinedine Zidane ni umuntu afise uburongozi bukomeye kandi aciye ubwenge,azi kubana n’abandi.Yavuze ko ata nkeka azoshobora gukorana neza n’abakinyi nka Christian Ronaldo.

Mw’ijambo ritoya yashikirije abamenyeshamakuru,Zinedine Zidane yavuze ko ashimira umurwi wa mbere kw’isi kuba wemeye kumuha akaryo ko kuwumenyereza,aca amenyesha ko azoshiramwo umutima wose mu gikorwa ahawe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.