IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ACAT Burundi risaba sentare mpuzamakungu gukurikirana abagirizwa amabi mu (...)

ACAT Burundi risaba sentare mpuzamakungu gukurikirana abagirizwa amabi mu burundi

samedi 17 Ruheshi 2017

Mu cegeranyo c’impapuro 11 c’Ishirahamwe ACAT Burundi , iryo shirahamwe rimenyesha ko naho ryahagaritswe gukora na Reta y’Uburundi ,ribandanya kuvugira abahohoterwa ,no gushira ahabona ibikorwa vy gusinzikaza agateka ka zina muntu.

Muri ico cegeranyo,ishirahamwe ACAT Burundi riragaruka ku bwicanyi,ku bantu banyuruzwa ,ku bantu bahagarikwa hadakurikijwe amategeko, hamwe n’abantu bapfungwa hahonyanzwe amategeko.

Ishirahamwe ACAT Burundi risaba imiryango n’ivyabona kubandanya bamenyesha amabi akorwa,ku bakorera amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ACAT Burundi ibasaba gufasha kugira abagirizwa ivyaha vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu barengutswe imbere y’ubutungane.

Mu kurangiza,ishirahamwe ACAT Burundi risaba ibihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko,gufata ingingo zose zishoboka zo gukingira abarundi ku mabi asinzikaza agateka ka zina muntu bakorerwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.