IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Abayoboke babiri ba RWASA bafashwe bagirizwa kwigisha gutora (...)

Bururi : Abayoboke babiri ba RWASA bafashwe bagirizwa kwigisha gutora "OYA"

mercredi 25 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Abo bafashwe n’igiporisi ni Joseph Misigaro hamwe na Niyonzima Constance, bompi bakaba ari indongozi z’urunani Amizero y’Abarundi rwa RWASA Agathon. Bapfungiwe mu gasho k’igiporisi mu Rumeza.

Imiryango yabo imenyesha ko abo bafashwe bariko bazira ivyiyumviro vyabo vya poritike, kuko abo bafashwe bose bari mu ndongozi z’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi. Iyo miryango igasaba ko borekurwa.

Amakuru dukura mu ntara ya Bururi, komine Songa avuga ko abantu bose hamwe bagera kuri batandatu aribo bamaze gufatwa n’igiporisi bagirizwa ko bakoresha amanama mw’ijoro y’ukwitegurira kuzokwigisha gutora "OYA" mu matora y’ibwirizwa shingiro azoba kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.

Nk’uko biri mw’itegeko ry’umukuru w’igihugu, bitegekanijwe ko imyiyamamazo izotangura kw’igenekerezo rya mbere Rusama 2018.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.