IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Algerie:Umuhora wa interenete wahagaritswe mu gihugu cose

Algerie:Umuhora wa interenete wahagaritswe mu gihugu cose

Thursday 21 June 2018, by vianney

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyeshako ico gikorwa co guhagarika uwo muhora wa interenete kiraba amaterefone ngendanwa hamwe n’uwo murongo nyene ukoreshwa mu ma biro atandukanye y’igihugu.

Ayo makuru abandanya avuga ko, uwo muhora uhagarikwa mu kiringo c’isaha imwe buri uko ikibazo gikorwa gitanguye mu ntumbero yo kwirinda ko hashobora kuba igikorwa co guhanahana amakuru ajanye n’inyishu z’ibibazo vyabajijwe.

Bitegekanijwe ko uwo muhora wa interenete uzohagirikwa gushika k’umusi wa nyuma w’ivyo bibazo kw’igenekerezo rya 25 Ruheshi 2018.

Ivyo bibaye inyuma yaho mu mwaka wa 2016 mu bice bitandukanye vya Alegerie habaye uguhanahana ibibazo n’inyishu imbere gato yuko ibibazo bitangura gukorwa hamwe no mu gihe c’ibibazo nyezina.

Abanyeshure barenga ibihumbi 700 ni bo bariko bakora ico kibazo kirangiza amashure yisumbuye kikazomara ikiringo c’indwi.
.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.