IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Amnesty International isaba Reta y’Uburundi guhindura itegeko rigenga (...)

Amnesty International isaba Reta y’Uburundi guhindura itegeko rigenga amashirahamwe

mercredi 15 Ruhuhuma 2017

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu Amnesty International risaba inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu, gusaba Uburundi guhindura itegeko rigenga amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike.

Nkuko biri mw’itangazo ry’ishirahamwe Amnesty International, abaharanira agateka ka zina muntu batari bake barahunze igihugu kuva hatanguye indyane za politike mu Burundi ,mu mwaka wa 2015.

Muri iryo tangazo, Amnesty International imenyesha ko guhagarika amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike,gukurikirana ibikorwa vy’amashirahamwe ategamiye Reta vyerekana ko Reta y’Uburundi iriko ituma abajejwe agateka ka zina muntu batoroherwa mu bikorwa vyabo.

Ishirahamwe Amnesty International, rimenyesha ko, mu gihe Uburundi buri mu nama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu butegerezwa kwubahiriza ibisabwa ku vyerekeye gukomeza no gukingira uburenganzira bwa kiremwa muntu.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe Amnesty International rimenyesha ko Reta y’Uburundi itegerezwa gukorana neza n’inama y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ijejwe agateka ka zina muntu.

Amnesty International irangiza iryo tangazo isaba ko Uburundi burekurira abakozi b’amashirahamwe yo mu karere n’amashirahamwe mpuzamakungu ajejwe agateka ka zina muntu gushobora kugira amatohoza ku bijanye n’isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.