IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Umuporisi w’Uburundi yishwe n’abantu bataramenyekana

Bubanza : Umuporisi w’Uburundi yishwe n’abantu bataramenyekana

mercredi 16 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

GAHUNGU Léonidas, umuporisi w’Uburundi yahora akorera ku kirindiro co ku Muzinda muri komine Rugazi, intara ya Bubanza, yishwe n’abantu bataramenyekana. Abo bantu bamurashije inkoho yari afise yo mu bwoko bwa Kalashnikov, baca bagenda bayitwaye.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko hari nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro, uwo muporisi akaba yari agiye kugura ama inite, ari nakwo guhura n’abantu bagera kuri bane bamwatse inkoho yari afise, barayimurasisha.

JPEG - 106.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

GAHUNGU Léonidas yarashoboye gushikanwa kwa muganga akiri muzima, ariko akaba yaciye yitaba Imana bariko baragerageza kumuvura.

Igiporisi c’Uburundi kivuga ko amatohoza yamaze gutangura kugira abishe uwo muporisi bafatwe, bashengezwe mu butungane, n’iyo nkoho y’igihugu yibwe iboneke.

OP1 Perre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akamenyesha ko abantu babiri aribo bamaze gufatwa muri ayo matohoza.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.