IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Gerenade zibiri zatewe ku Musaga no mu Buyenzi zakomerekeje (...)

Bujumbura : Gerenade zibiri zatewe ku Musaga no mu Buyenzi zakomerekeje abatari bake

jeudi 7 décembre 2017

Gerenade ya mbere yatewe muri zone Musaga, iri muri komine Muha, mu gisagara ca Bujumbura nk’isaha zibiri z’ijoro kur’uyu wa gatatu, ku gituro c’imiduga yunguruza abantu (bus).

Amakuru ava aho ku Musaga akemezwa n’abajejwe intwaro amenyesha ko abantu bane aribo bakomeretse, kandi batababaye cane.

Gerenade ya kabiri yatewe kw’ibarabara rya 18 ryo muri zone ya Buyenzi iri muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura, nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro, ikomeretsa abatari bake, kw’ibarabara rya 18.

Amakuru ava aho mu Buyenzi amenyesha ko uwateye iyo gerenade asa naho yarondera abadandaza ivyamwa.

Mu giporisi c’Uburundi baremeza ayo makuru, umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko abantu batatu aribo bakomeretse ku Musaga, mu gihe mu Buyenzi naho ari umuntu umwe yakomeretse.

Pierre NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko ku matohoza bamaze gukora, ata mvo ya poritike yinyegeje inyuma kuko biboneka ko harimwo ibintu vyo kw’ihorahorana.

Umuvugizi w’igiporisi avuga ko ivyo vyemezwa n’uko nko ku Musaga, gerenade itatewe ahari abantu benshi ariko aytewe mu bubiko, mu gihe iyo mu Buyenzi yatewe mu rugo rw’umuporisi, uwo nawe akaba afise uwo hari ico bapfa gifatiye kw’ipikipiki, bikikekwa ko yaoba ariyo nyanduruko.

Mwomenya ko mw’ijoro ryo kuwa mbere igenekerezo rya 4 Kigarama 2017, gerenade yatewe muri quartier Bwiza ku gituro c’imodoka zunguruza abantu kizwi nka Permanence, ikomeretsa abantu 5.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.