Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Igiporisi cahagaritse uwagirizwa ubusuma bw’amapikipiki
Bururi : Igiporisi cahagaritse uwagirizwa ubusuma bw’amapikipiki
jeudi 18 janvier 2018
Uwo mugabo yahagarikiwe mu Kivuruga, mu ntara ya Bururi afise ipikipiki yo mu bwoko bwa TVS.
Uwo musuma afashwe mu rukurikirane rw’abasuma biba ivyuma bigendeshwa, bamaze iminsi bafatwa n’igiporisi c’Uburundi.
Kuwa kabiri igenekerezo rya 16 Nzero 2018, igiporisi c’Uburundi carerekanye abantu batatu bahagaritswe bagirizwa ubusuma bw’imodoka, mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.
Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yavuze ko ubusuma bw’imiduga ari igikorwa igiporisi cahagurukiye.
MUGISHA Van Naris
Messages
18 janvier 2018, 12:47, par MBANZAMIHIGO Aloys
Uyo mugabo yishe umugore wiwe ko yafashe nibacire urumukwiye murakoze.