IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Igiporisi cahagaritse uwagirizwa ubusuma bw’amapikipiki

Bururi : Igiporisi cahagaritse uwagirizwa ubusuma bw’amapikipiki

jeudi 18 janvier 2018

Uwo mugabo yahagarikiwe mu Kivuruga, mu ntara ya Bururi afise ipikipiki yo mu bwoko bwa TVS.

Uwo musuma afashwe mu rukurikirane rw’abasuma biba ivyuma bigendeshwa, bamaze iminsi bafatwa n’igiporisi c’Uburundi.

Kuwa kabiri igenekerezo rya 16 Nzero 2018, igiporisi c’Uburundi carerekanye abantu batatu bahagaritswe bagirizwa ubusuma bw’imodoka, mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE yavuze ko ubusuma bw’imiduga ari igikorwa igiporisi cahagurukiye.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.