IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > CNAC MURIMA W’ISANGI isaba ko ingingo yo gushira ikawa mu minwe y’abikorera (...)

CNAC MURIMA W’ISANGI isaba ko ingingo yo gushira ikawa mu minwe y’abikorera ivyabo isubirwamwo

mercredi 4 Nzero 2017

Urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa CNAC-MURIMA W’ISANGI rusaba ko ingingo yo gushira igisata c’ikawa mu minwe y’abikorera ivyabo yosubirwamwo,amatonorero y’ikawa nayo ataraja mu minwe y’abikorera ivyabo b’abanyamahanga agahabwa abarundi.

Joseph NTIRABAMPA arongoye urunani rw’amashirahamwe y’abarimyi b’ikawa CNAC-MURIMA W’ISANGI amenyesha ko Reta n’abafise uruhara bose mu giterwa c’ikawa bokwicara hamwe kugira bihweze ingene ibice bibiri vyo gushira igisata c’ikawa mu minwe y’abikorera ivyabo vyakozwe.

Ku ruhande rwa Reta y’uburundi, umukuru w’igihugu yavuze ko Uburundi bwiteguye gukorana n’Ibanki y’Isi kugira barabe ingene igiterwa c’ikawa corimwa kandi kikadandazwa,kuko vyabonetse ko abagiye muri ico gisata c’ikawa bashize imbere inyungu zabo gusa atari inyungu z’igihugu.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko urudandazwa rw’ikawa baruhaye intumbero itariyo,ari naco gituma igihugu cahagiriye ingaruka.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.