IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Col Gaspard BARATUZA:’’Nta murwi witwaje ibirwanisho wajabutse urubibe (...)

Col Gaspard BARATUZA:’’Nta murwi witwaje ibirwanisho wajabutse urubibe winjira mu Burundi’’

lundi 13 Ntwarante 2017

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba Colonel Gaspard BARATUZA amenyesha ko ata murwi n’umwe w’abagizi ba nabi uraboneka ku rubibe Uburundi buhana n’igihugu c’Urwanda.

Mw’itangazo ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwashize ahabona kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Ntwarante ,umwaka wa 2017, ubwo bushikiranganji bumenyesha ko Uburundi butarota cemera ko hari abagizi ba nabi mu bihugu bigize akarere bohungira ku butaka bw’Uburundi.

Colonel Gaspard BARATUZA avugira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi yabivuze inyuma y’itangazo ryashizwe ahabona n’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi mu gihugu c’Urwanda kuri uno w’Imana igenekerezo rya 12 Ntwarante,umwaka wa 2017 rivuga ko hari umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho warashe abantu mu gihugu c’Urwanda uca uhungira mu Burundi.

Ico gitero cabaye mw’ijoro ryo kuwa gatandatu buca ari kuw’Imana igenekerezo rya 12 Ntwarante,umwaka wa 2017, cahitanye abantu babiri bitavye Imana,uwundi umwe arakomereka.


IGIHE

Messages

  • Muta ntuhogore birazwiko ariporitike yurwanda yokwiyicira abanyagihugu babo nkuko babikoze mu 1994 barishe benewabo hama baca bagenda muri ONI bandikisha jenoside barazi inyungu babikuramwo, rero nubu ntauzi icobagamije. barundi ubu nukubamaso inyezi zize zihende zambuketu zibazango ziciye muri CONGO zizosanga turimaso, ivyonavyo bivugisha ngo abateyi buhungiye muburundi birabaraba!! oya kuki abaribacunze umupaka batafashe izonkozi zibibi??. uburero inkotanyi akabo kabonetse bihende baze.....

  • Uwu mu Col Baratuza ntamuntu yoba acemera ivyavuze kuko n’umubeshi, ashikiriza ivyatamutswe na DD sebuja Prime Niyongabo! Ninaco gituma bamwomoye muri MUSCA ngo ntaje gushikiriza ibinyoma muri Nations Unies! Izo Mbonerakure, FDLR hamwe n’interahamwe nizo zagiye kugandagura azinzirakarengane! Shame on him

  • ngo harumurongo ntarengwa. ni président kagame ninde babonye awurenga? barondereriwabo.

  • @Kamaro,nkubwo wewe ntiwasaze?ntugakinishe ijambo Genocide yo mu Rwanda, utazobibazwa n’ubutungane, ujinga mzigo

  • iki ni igihe kigoye cy’umubano wabonse rimwe ,bitinde bitebuke nta mvura idahita tuzongera tubane neza nkuko byahoze .AMAHORO ku bihugu byombi.

  • Ikibazo gihari nkawe abantu bameze nkawe kamaro nibo batagira akamaro wowe inkoho zivuze waba uwambere guhunga ariko umva ibyo uba uvuga icyo nakubwira reka kugoreka amateka yacu genocide usibye kuyumva yabaye udahari ariko uzaze murwanda uzasobanukirwa ureke kumva ibyo izo nterahamwe zamaze abantu zikubwira

  • Kamaro wari wumva baratuza canke uwundi mutegetsi wuburundi uvugako urwanda bazorushobora bivugwa namwe wosanga utarakora no kunkoho ikindi aba DD niyi ndwano mwoba mwararwanye mukayitsinda kugira ngo twumve ko mwokwigerereza urwanda igihugu si buyoya wakibahaye urwanda ntabwo rwiteguye kurwana namwe kuko ntimuri no kuri level imwe ibyo mwirirwa muvuga ni jealousy ibibavugisha mubona aho urwanda rugeze mukagira ishari nimuguma murayo matiku muzoguma mubihugu 5 bikennye kwisi ugende muri google urebe niba unabizi kubireba ikindi kibazo mugira abarundi mwese mushaka kwivanga muri politics niyompamvu ibibazo byanyu bitazorangira vuba

  • Nkubu ibigambo mwese muba musuka hano birimo ubugoryi(ubujuju??)haru musirikare numwe ubarimo??ubu u RDA cg BRNDI birwanye mwakunguka iki??haramafaranga yajya kuri compte zanyu??mwakunguka iki??mwese nti muri aba nyafurika??noneho muhuriye no kuri byinshi??umurundi cg umunyarwanda atavuze ntiwashobora kubatandukanya
    Sooo!!!mugabanye ibigambo cg niba murabagabo muve kuri tel 4ne zanyu cg clavier za Computer mujye muri nyungwe cg kibira!!!!mugabanye ibigambo mwimikaze amahoro

  • Wewe wiyita Kamaro urateye ikigongwe muri make uri imburamumaro. Ivyo bijambo uhuragura ubikura hehe? gusa ushobora kuba udafise mumutwe hazima. Abantu nkamwe nimwe mwonona isi. Izo ideologie z aba NAZI ntaho zizogushikana nahamwe .Abantu nkamwe babita ibikenya.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.