IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Coupe du Monde2018 : Imirwi ine ya mbere izokina igice c’umunani gishira ica (...)

Coupe du Monde2018 : Imirwi ine ya mbere izokina igice c’umunani gishira ica nyuma yamenyekanye

mardi 26 juin 2018

Mu murwi wa mbere A warimwo Uburusiya, Uruguay, Misiri na Arabie Saoudite, imirwi ya Uriguay n’umurwi w’Uburusiya niyo izobandanya mu gice c’umunani gishira ica nyuma.

Umurwi wa Uruguaye uza mu kibanza ca mbere n’amanota 9 kuko watsinze inkino zitatu zose zo mu mirwi, umurwi w’Uburusiya uza mu kibanza ca kabiri kuko watsinze inkino zibiri utsindwa urwa nyuma rwo mu mirwi n’umurwi wa Uruguay, mu rukino rwabaye kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 25 Ruheshi 2018.

Mu murwi B, gushika ku rukino rwa gatatu ku murwi wose, ivyawo ntivyari bwamenyekane, ariko vyose vyadadanutse inyuma y’urukino rwahuje Portugal n’umurwi wa Iran, aho iyo mirwi yanganije igitsindo kimwe ku kindi.

Mu rundi rukino rw’umurwi B, umurwi nserukiragihugu wa Espagne wanganije n’umurwi wa Maroc ibitsindo bibiri ku bindi, ivyatumye imirwi ya Portugal na Espagne inganya amanota atanu umwe wese, ariko umurwi wa Espagne uca ufata ikibanza ca mbere kubera ibitsindo vyinshi winjije.

Bitegekanijwe ko mu gice c’umunani gishira ica nyuma, umurwi wa Uruguay uzokina n’umurwi wa Portugal, kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2018, umurwi wa Espagne ukine n’umurwi w’Uburusiya, kw’igenekerezo rya 1 Mukakaro 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.