IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Econet Leo yatanguje inyigisho mu buhinga bwayo bwiswe BIRAMARA

Econet Leo yatanguje inyigisho mu buhinga bwayo bwiswe BIRAMARA

mardi 8 mai 2018

Mw’ijambo ryiwe, umuyobozi w’ubudandaji mw’ishirahamwe Econet Leo, Isaiah Nyangari, yavuze ko abo bagiye guhabwa inyigisho ari aba mbere, kandi bashobora gufasha igihugu c’Uburundi gutera imbere, kuko Uburundi bukeneye abantu bafise ubumenyi bukwiye.

Ati :« Nimwe mufise mu minwe impinduka z’igihugu. Uburundi kugira butere imbere bukeneye abantu bize kandi bakora bisunze amategeko, ni naco gituma twabahamagaye kugira tubahe izi nyigisho. »

JPEG - 60.2 ko
Isaiah Nyangari, umuyobozi w’ubudandaji muri Econet Leo

Umuyobozi w’Ubudandaji mw’ishirahamwe Econet Leo, Isaiah Nyangari, yahamagariye urwo rwaruka, kuja mu bagenzi babo bakabahimiriza gukoresha imashini nyabwonko, no gukoresha ubuhinga bwa BIRAMARA.

Aimé Florian NGABONZIZA akora mw’ishirahamwe Econet Leo amenyesha ko, BIRAMARA ari ihuriro ry’urwaruka ikaba n’ingendo nshasha y’ishirahamwe Econet Leo, ifasha urwaruka kwiyigisha no kwigisha abandi.

JPEG - 54.4 ko
Aimé Florian NGABONZIZA, umukozi wa Econet Leo

Avuga ko BIRAMARA ije gufasha urwaruka mu kubaha ubumenyi buzobafasha kwironderera akazi, kuko inyuma y’izo nyigisho, bazosohoka bafise urugero rwiza rwo gukoresha ubuhinga bwa none, kandi n’impapuro bazohabwa zemewe mu bushikiranganji bw’indero.

Ku ruhande rwiwe, ARAKAZA Emery, umwe mu bariko baronswa izo nyigisho, avuga ko yavyakiriye neza, kuko afatiye ku gihe tugezemwo, bisaba ko umuntu ajana n’ibihe na cane cane gukoresha ubuhinga bwa none n’imashini nyabwonko.

JPEG - 55.4 ko
ARAKAZA Emery, umwe mu bariko baronka inyigisho ku buhinga BIRAMARA

Ahamagarira urundi rwaruka kugerageza kujana n’abandi mw’iterambere, rishingiye ku buhinga bwa none, kuko ari naho amakuru menshi aca muri ibi bihe.

Mwomenya ko kwiyandikisha mu nyigisho za BIRAMARA, bisaba ko uba ufise imyaka iri hagati ya 16 na 30, ugashikiriza ibisabwa mw’ishirahamwe Econet Leo, ariko kandi amahirwe yo gutorwa ashobora kwongerekana mu gihe ukoresha kenshi agaseke BIRAMARA, mu gufyonda *404#.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.