IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe FOCODE risaba ko ingingo zo mu gitabo mpanavyaha (...)

Ishirahamwe FOCODE risaba ko ingingo zo mu gitabo mpanavyaha zitohindurwa

mardi 6 Ruheshi 2017

Mw’itangazo ry’ishirahamwe FOCODE ryo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 5 Ruheshi 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko ritewe impungenge n’ingene abajejwe umutekano bafashe amazu y’abanyagihugu bahunze igihugu bakayagira ibirindiro.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe FOCODE riragaruka kandi kw’itegeko ryemerera inzego z’umutekano gukora ibikorwa vyo gusaka mw’ijoro, aho rimenyesha ko hamwe vyokwemezwa, bishobora kuba inyanduruko yo guhohotera abatavuga rumwe na Reta.

Ishirahamwe FOCODE rigahamagarira umurwi ujejwe amatohoza ku Burundi kwisunga cane ibikorwa vyo gusaka biba mu masaha y’ijoro, rigasaba kandi Sentare mpuzamakungu gutanguza vuba amatohoza ku bibera mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.