Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe FOCODE risaba ko ingingo zo mu gitabo mpanavyaha (...)
Ishirahamwe FOCODE risaba ko ingingo zo mu gitabo mpanavyaha zitohindurwa
mardi 6 Ruheshi 2017
Mw’itangazo ry’ishirahamwe FOCODE ryo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 5 Ruheshi 2017, iryo shirahamwe rimenyesha ko ritewe impungenge n’ingene abajejwe umutekano bafashe amazu y’abanyagihugu bahunze igihugu bakayagira ibirindiro.
Muri iryo tangazo, ishirahamwe FOCODE riragaruka kandi kw’itegeko ryemerera inzego z’umutekano gukora ibikorwa vyo gusaka mw’ijoro, aho rimenyesha ko hamwe vyokwemezwa, bishobora kuba inyanduruko yo guhohotera abatavuga rumwe na Reta.
Ishirahamwe FOCODE rigahamagarira umurwi ujejwe amatohoza ku Burundi kwisunga cane ibikorwa vyo gusaka biba mu masaha y’ijoro, rigasaba kandi Sentare mpuzamakungu gutanguza vuba amatohoza ku bibera mu Burundi.
MUGISHA Van Naris