Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega-Rutonde : Umuntu umwe yitavye Imana mu gitero ca gerenade
Gitega-Rutonde : Umuntu umwe yitavye Imana mu gitero ca gerenade
lundi 11 juin 2018
Nk’uko amakuru dukesha abakorera abadandariza aho ku Rutonde abimenyesha, ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha imwe y’ijoro, mu nzu y’ubudandarizo y’uwitwa Kenedy NIYONIZIGIYE, umukenyezi umwe w’imyaka yababa 60 aca ariteba Imana uwo mwanya nyene.
Ayo makuru nyene amenyesha ko, mu bakomeretse muri ico gitero ca gerenade, harimwo umusirikare n’umuporisi, bariko bivuna akanyota muri ico kibanza.
Umwe mu badandariza ahabereye ico gitero, avuga ko mu gatondo ko kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 11 Ruheshi 2018, baronse amakuru, ko mubakomeretse bari bajanywe kwa muganga, hoba harimwo babiri bitavye Imana.
Uwo adandariza muri ico kibanza, avuga ko mu gatondo ko kur’uno wa mbere, abajejwe umutekano bazindukiye mu gikorwa co gusaka ibirwanisho, imbere y’uko musitanteri wa komine Gitega n’umukuru w’igiporisi bagirisha inama.
MUGISHA Van Naris
Messages
11 juin 2018, 10:55, par Ntacontemanga !
Nahovyogenda cute iyongendo yokwicabantu mukivunga iragayitse mumaso yabarundi nahobatayiyamiriza !ahowosanga harondegwa umuntu umwe !
14 juin 2018, 00:13, par Nibafasha Protais
Mubisanzwe Iyongendo Yokwica Abantu Ikivunga Barakwiye Kwikebuka Namba Hari Ikintu Umuntu Apfa Nuwundi Akamutega Ari Babiri Ntihagire Abo Bahitana