IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gitega: Terefone ngendanwa zafashwe mw’isakwa ryakozwe mw’ibohero

Gitega: Terefone ngendanwa zafashwe mw’isakwa ryakozwe mw’ibohero

mercredi 8 Ruhuhuma 2017

Terefone ngendanwa 22 , nizo vyafashwe n’igipolisi mw’isakwa ryakozwe n’igipolisi mw’ibohero rikuru rya Gitega.

Muri iryo sakwa ryabaye mu gatondo ko kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 8 Ruhuhuma,umwaka wa 2017,hafashwe kandi ibikoresho vyo kuzishiramwo umuyagankuba (chargeurs) .

Amakuru ava mu begereye ibohero rikuru ry’i Gitega,amenyesha ko iryo sakwa ryabaye mu gice kibamwo abifise aho mw’ibohero rikuru ry’i Gitega,aho bita muri Quartier Kibossi.

Ayo makuru nyene amenyesha ko ico gikorwa cakozwe n’abapolisi benshi, bahagarikiwe na Komiseri atwara igipolisi mu ntara ya Gitega Melchior HAKIZIMANA.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.