IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Icegeranyo ca SOS-Torture kivuga abantu 8 bishwe

Icegeranyo ca SOS-Torture kivuga abantu 8 bishwe

dimanche 26 Ntwarante 2017, par Egide NDUWIMANA

Icegeranyo ca SOS-Torture Burundi co mu ndwi yo kuva kuwa 18 gushika kuwa 25 Ntwarante 2017 cagarutse ku bantu bagera ku munani bishwe, muribo hakaba harimwo intwazangabo yo mu giporisi c’Uburundi yatowe ikiziga hafi y’isengero ryitiriwe umweranda Yozefu mu Ngagara.

Ishirahamwe SOS-Torture Burundi rivuga ko iyicwa ry’iyo ntwazangabo ryaje kwongereza igitigiri c’abasirikare n’abaporisi bo ku rwego rwo hejuru babandanya kwicwa, benshi muribo bakaba ari abatutsi nk’uo bivugwa na SOS-Torture Burundi.

Ico cegeranyo ca SOS-Torture Burundi kigaruka kandi ku bantu bagera kuri batandatu bahagaritswe amategeko atubahirijwe, muri ico kiringo c’indwi imwe, mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi. Muri abo bahagaritswe, SOS-Torture Burundi ivuga abasore babiri bahagaritswe n’urwaruka rw’imbonerakure za CNDD FDD muri komine Rugombo, intara ya Cibitoke, hakavugwa n’uwundi mugabo yakubiswe n’izo mbonerakure za CNDD FDD, muri komine Gisuru, intara ya Ruyigi.

Ishirahamwe SOS-Torture rivuga kandi abanyororo umunani b’umugambwe MSD utavuga rumwe n’ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu NKURUNZIZA, bagumijwe mw’ibohero, kandi bari mu bagiriwe ikigongwe n’umukuru w’igihugu c’Uburundi kuva mu kwezi kwa Nzero 2017.


IGIHE

Messages

  • Nkurunziza agihema azoruhuka abarundi bose abahoneje, muvyuma nawe aje hejuru yi sasire imivyimba.

  • MIMI NASEMA HIVI NYE VIJANA WA MBONERAKURE ACHENI KUWAWUWA NDUNGU ZENU SIO VIZURI MUNGU HAPENDE.JENGENE INCHI YETU.MUNGU AWE NANYI. BYE.BOSCO.

  • izoni sisitem zugwanda nu bubirigi abobatutsi babasirikare bakers bicwa nuko babavuye inyuma ntibemere ibinyoma vyanyu.mushaka kubatanga nkikimazi kugira abarundi bacanemwo.nimudusigurire ukuntu reta icanze yohaguruka ikica ubwoko bumwe.abandi barihe? kobajejwe guserukira benewabo ntibarenganwe ivyo nibinyoma .namwe muserukira agateka kamuntu ivyo murabizi kuko nimwe mutanga uburyo.bwubwo bubi kugira mushikire inyungu zabashebuja Bantu.

  • mbega murivyo binogo muvuga canke murabo bicwa .kwata bahutu muvugamwo.amagufa yabo .canke imivyimba yabishwe bazira kobashigikiye ubutegetsi nabaturiwe.dufise amafoto yamwebwe nyene abazungu muha inguvu iyo migwi yariko iragumuka.namafoto yigiporisi cicwa niyo misole yanyu mwari mwagumuye.ibinogo vyuzuye iburundi vyabapfuye mwabonyemwo aba EX fabe gusa.ivyiburundi muzobizira lmana ibababarire.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.