IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi kirwanya iterabwoba catanguye imyimenyerezo

Igiporisi kirwanya iterabwoba catanguye imyimenyerezo

lundi 4 Nyakanga 2017

Nk’uko biri mw’itangazo ry’ubushikiranganji bw’umutekano, igiporisi kiza guturitsa amasasu n’ibisasu mu myimenyerezo yatanguye kuri uno wa mbere gushika ejo ku musi wa kabiri igenekerezo rya 4 Nyakanga 2017.

Pierre NKURUKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko iyo myimenyerezo iza kubera ku kibuga c’umupira w’amaguru co kw’ishure ETS yo mu Kamenge y’i Bujumbura.

Pierre NKURIKIYE avuga ko imyiteguro y’iyo myimenyerezo y’umugwi w’igiporisi kidasanzwe kjejwe kurwanya iterabwoba yatanguye kur’uno wa mbere igihe c’isaha zitatu z’agatondo , imyimenyerezo nyezina nayo ikazotangura ku musi w’ejo igenekerezo rya 5 Nyakanga 2017 kuva igihe c’isaha zibiri z’agatondo gushika isaha zitandatu n’igice z’umutaga.

Iryo tangazo rirangiza rimenyesha ko ibimenyeshamakuru vyemerewe gukurikirana iyo myimenyerezo izoba kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Nyakanga 2017.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.