IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Umukuru w’ikigo CIRID yerekanye ico Uburundi n’Urwanda vyofatirako mu (...)

Umukuru w’ikigo CIRID yerekanye ico Uburundi n’Urwanda vyofatirako mu kunagura imigenderanire

mardi 22 Myandagaro 2017

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 22 Myandagaro 2017, ku civugo : ’’Bujumbura, Geneve mpuzamakungu yo muri kazoza ku mugabane wa Afrika, Deo HAKIZIMANA arongoye ikigo CIRID yamenyesheje ko igihugu c’Uburundi n’Urwanda bitegerezwa kubana, kuko ari ibihugu bibanyi.

Deo HAKIZIMANA arongoye ikigo CIRID avuga ko naho imigenderanire hagati y’igihugu c’Uburundi n’igihugu c’Urwanda yatosekaye, hari ikintu kimwe ivyo bihugu vyofatirako kugira binagure imigenderanire.

Yavuze ati :«Twokwemera ko imigenderanire ya poritike hagati y’Uburundi n’Urwanda yatosekaye kandi itifashe neza, ariko imigenderanire mu bijanye n’ubutunzi irabandanya, kuko indege yo mu Rwanda iza ku kibuga c’indege c’i Bujumbura n’imiburiburi incuro zitanu ku munsi

Umukuru w’ikigo CIRID yavuze ko nk’ikigo cishinze gufasha mu guhuza abantu biciye mu biganiro, bashobora gusaba umukuru w’igihugu ca Senegal Macky Sall yitirirwa agashimwe ’’Prix Macky Sall pour le Dialogue en Afrique" gahabwa abagize utwigoro mu biganiro vya poritike akaraba ico yokora hagati y’Uburundi n’Urwanda.

JPEG - 103.8 ko
Deo HAKIZIMANA,Umukuru wa CIRID

Ico kiganiro cari citabwe kandi n’uwuserukira ikigo CIRID mu karere ka Afrika y’Uburungero Malick Mbaye, uwuserukira igihugu c’Ububirigi mu Burundi, hamwe n’uwaserukiye uwuserukira igihugu ca Misiri mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Jewe ndavye ukungene u Rwanda rwasize Abarundi ntaco mbona bovugana na Peter,u Rwanda rwakira Indongozi z’Africa zirenga 20 umunsi umwe,Premier Minister wa Israel n’abandi bakomeye kw’isi,rero ntabiganiro bogirana n’aba DD

  • Ntukamazina@,
    Kubwawe nk’ umunyagihugu bikumariye iki ko mbona hose ari mu Burundi canke Urwanda abanyagihugu bariko bicwa n’ inzara kandi ibi bihugu bibiri biri mu bihugu vyanyuma mu bworo, yaco rero uvuga ibintu utatohoje neza imbere yokuvuga.
    Urwanda ruri mu bihugu vyoro ahubwo, urwanda woruhanura kurondera imigenderanire mwiza n’ ibihugu birukikije kandi nagira ndakwire ko atagihugu nakimwe kw’isi cishoboye conyene.

  • u Rwanda rwakira abakuru b’ibihugu barenga 20 k’umunsi umwe n’abandi bashyitsi barenga ijana k’umunsi bakagubwa neza mu rw’imisozi igihumbi bakanifuza kugaruka yawe hari n’abaza kuhafatira akaruhuko mwe abarundi no kwakira inama ya COMESA byarabananiye, abanyarwanda duhugiye mu kazi namwe muti: Hobe ibyansize

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.