IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Inama y’abakuru b’ibihugu ba EAC ntikibaye muri iyi ndwi

Inama y’abakuru b’ibihugu ba EAC ntikibaye muri iyi ndwi

lundi 3 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Inama y’abakuru b’ibihugu vyo mu muryango wa Afrika y’ubuseruko yari itegekanijwe kuba kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2017 ntikibaye nk’uko vyari vyasabwe n’Uburundi. Amakuru dufise avuga ko iyo nama izoba mu mpera z’uku kwezi kwa Ndamukiza, ariko isango nyezina rikaba ritaramenyeshwa.

Reta y’Uburundi yaheruka kwandika isaba ko inama y’abakuru b’ibihugu vyo muri Afrika y’ubuseruko yari itegekanijwe kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2017 yokwegezwa inyuma, igashirwa ku rindi sango. Uburundi bwabisavye kubera iryo genekerezo ry’iyo nama rihuriranye n’umunsi Uburundi bwibuka imyaka 23 iheze uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi Sipiriyano NTARYAMIRA agandaguwe.

Reta yamenyesheje ko kugira Uburundi buserukirwe muri iyo nama, ari ukwo iryo sango ryokwegezwa inyuma.

Uburundi buremeza ko buzokwitaba iyo nama, ariko akaba atawuramenya namba umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ariwe azokwigira ubwiwe canke namba azorungika abamuserukira.

Tubibutse ko inyuma y’ibiganiro bihuza Abarundi biheruka kubera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, ibiro vy’umuhuza MKAPA vyavuze ko hari inzitizi zituma ivyo biganiro bitabandanya neza, ariko izo nzitizi zikaba zitashizwe ahabona. Umuhuza yasavye ko vuba hokorana inama y’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko kugira batange ivyiyumviro vy’icokorwa.

Tubamenyeshe kandi ko umuhuza yipfuza ko mu kwezi kwa Ruheshi (Juin) uwu mwaka w’2017, umwumvikano woba wamaze gushikwako hagati y’impande zitavuga rumwe kuri poritike y’Uburundi.


IGIHE

Messages

  • Reka abakunzi b’amahoro dusengere iyi nama izavemo umuti w’ibibazo byugarije abavandimwe bacu b’Abarundi.U Rwanda n’u Burundi ni ibihugu by’impanga(amahasa).Reka dusenyere umugozi umwe .

  • None iyo nama izoteba ibe hamaze kwicwa abarundi bangahe? Hamaze kunyuruzwa abarundi bangahe? hamaze gutorwa biziga bingahe? Hamaze gukubagurwa abarundi bangahe? Impnunzi zimaze gushika 12.000.000? Ttutigwanyeko tugiye gushira nk’abana b’imbeba! Yaba amakungu canke akarere ntaco bibabwiye. Dupfa; tudapha; ivyo ntibibaraba. Let’s go!

  • Ewendagiye abarundi Bose ntidushika izomiriyoni wavuze 12 wewe izompunzi wavuze nizahehe?

  • kagame azodusubiza sipiriyano ntaryamira ryari? kuburundi butamumwishuza ngwamuzane?

  • PARDON MY FRENCH

    QUESTION

    Pourqoiu CNDD accepte le dialogue sans meme pas de geurre mais on l’impose a qui negocier?!!!!!

    REPONSE

    1)1986 museveni avec 70% des rwandais dans son armee est entrain dans kampala malgre bonne negociations avec tito okelo a nairobi et museveni a annuler tout parti politic

    2)1994 malgre que havyarimana ai accepter a 50% de partager le pouvoir avce kagame ,FPR,derriere CIA a patience jusqua a creer un context pour entrer par force a kigala,tout parti politic meme ceux qui n’etait pas dans le DIT genocide ont ete anuler

    3)1996,mobutu a accepter de negocier et a tout donner a papa kabila mais kabila evec les rwandais ont pris kinshasa.
    4) au burundi,1993,2005,2010, ils essay tjrs

    CONCLUSION
    il faut accepter que dans la region il ya une mentality "APARTEID" ou certains de nos freres tutsi ont tjrs une mentality de vouloir dominer la majority hutu. et se separer de nous comme si on est pas frere
    C’EST CLAIR DE VOIR CELA MAIS LE PROBLEM VIENT DES HUTUS QUI NE PARLENT FORT EN HAUT COMME LE FONT LES CONGOLAIS.
    LES HUTUS GARDENT LA HAINE ET ILS FINISSENT A FAIRE LE GENOCIDE QUI N’EST MEME PAS NECESSAIRE.

    SOLUTIONS

    - LES HUTUS DEVRAIENT DEMANDER TROP TROP OUVERTEMENT LEUR DROIT DE MAJORITY .AU NIVEAU INTERNATIONAL
    - LES HUTUS DEVRAIENT ALLER BCP A L’ECOLE AUSSI TOP POSSIBLE CAR LE GENOCIDE RWANDAIS A ETE FAIT CAR LES RWANDAIS ETAIENT NON INSTRUIT.
    - LES HUTUS DEVRAIENT ETUDIER AUSSI TOP POSSIBLE LES MOYENS TECHNIQUES ET MODERNES DE GEURRE ET DE DISCIPLINE SANS ACT DE GENOCIDE
    - LES HUTUS DEVRAINET SAVOIR QUE LES TUTSI SONT BURUNDAIS ET ONT LE DROIT DENOTRE PROTECTION
    - CE N’EST PAS NDITIJE QUI VEUT LES NEGOCIATIONS ,C’EST PLUTOT UN GRAND POUVOIR LOCAL OU EUROPEEN DERRIERE L’OPPOSITION SELECTIONEE QUI VEUT NEGOCIATIONS MAIS PAS POUR PARTAGER LE POUVOIR .NO.NO. MAIS PLUTOT POUR RELENTIR ET CREER UNE FAIBLESSE,DIVISION AU SEIN DU CNDD ET PUIS CREER UNE OPPORTUNITY DE GENOCIDE OU ACTES DE CETTE FACON PUIS PRENDRE "TOUT POUVOIR "
    C’EST CELA L’OBJECTIF. VOULU DEPUIS LONGTEMPS POUR ETABLIR UNE DICTATURE VOULU PAR L’EUROPE ET CETTE STRATEGIE CNDD LE CONNAIT ET C’EST POUR CELA QUE IL REFUSE DE NEGOCIER.
    DONC CES NEGOCIATIONS AUSSI VOULU NE SONT PAS POUR LA PAIX

    QUE DIEU PROTEGE NKURUNZIZA

  • Umubano mwiza hagati yu Rwanda nu Burundi nubwo tuwipfuza twebwe abarundi ntanakimwe twokora ngugaruke vyihuse kiretse turashe amasasu mugihugu gituranyi ivyonavyo twabihebeye Kagame mengo ntagira ikinya mukumena amaraso yababanyi biwe atibagiwe nabene kanyarwanda kuko murabiziko yanenye ikintu cotuma gikwegera amahano kikanena amaraso mugihugu curwanda iconyene acayipfuza kocoba menga iyo amaraso amenetse niho aryoherwa.
    Iyorero ntiturahagera.
    Ariko kubananeza turavyipfuza gose mbere vyihuse nkukonabivuze kwatacotwebwe twokora kugira umubano ugaruke, urwanda rurafise icorwokora nacosikindi nugushikiriza baryabantu nakoze amabi mu Burundi, maze akagumana barya atacobagira bakazotahira ahobazoshakira.
    Erega baryabakoze amabi iyobatembereye mumakambi bakabwira impunzi ko bazokoneza guteza ingorane uburundi bafashanyije nurwanda ngokuko rubashigikiye izompunzi zicazibaza ngo bizoba zikaca zigumira mumagirwa, ikinzi barazifashe bureau.

  • Twe ba mujeri biradushavuje

  • Ego Reka turindire iyo nama icizovamwo twebwe abarundi turebeko twosubira kugenderanira n’ibindi bihugu# vyose. tukava mubukene, nokwiduzwa ryibiciro bihanze abarundi kuko umunyagihugu mutomuto niwe ahasiga ubuzima kwiduga ryibifungurwa ntaco babivugako;

  • Nimwabona Nkurunziza ayitavye muzobwire ndabasororere, isinayo izobisigaje imisi mikeya irangire, igitumye ndabivuga uko? nuko asigaye arigatinya bagabo! ataho vyabonetse ahumugabo atinya abagabo nkawe.

  • Gatinyashengero ntazoofa yitavye inama azoguma mukinyegero! Nibazako azorungika imbonerakure Nyamitwe kugira irementanya ariko twaramuhinyuye!

  • Uwu yandika ibifaransa vyaboze ngo abahutu baje kwiga vyihuta mbona ahubwo yosubirayo nawe nyene kuko nimba yize école Fondamentale!! Basi hoho ntiyokwandika mururimi atahura!!!! Kandi imbonerakure nukwo zama zigira abahinga naho atakigenda!!!

  • IYO NAMA NIYO GUTA UMWANYA UBURUNDI BURATEKANYE 100/100

  • Mbe uwo yiyita WAKERA nuwahe!!! That’s my name!!! Uburundi burangwa n’umutekano muke uterwa na Leta y’icaduka ikorera amabi atagira izina ibicishije kuri milice imbonerakure, Interahamwe, FDLR, iperereza, icitwa igiplolisi n’icahoze ari igisoda! Nibakorane vyihuta bayifatire embargon naho Gatinyashengero aza yarayifatiye mugutagitumbera aho abandi banyecubahiro bakoraniye!

  • Njewe Wakera ubundi ngwaye mumutwe nibera kwa le gentil. Ntimuzigere mwumva mvuga kuko ndi umupayu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.