IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > ’’Ingingo zo gukomeza umutekano mu mpera z’umwaka zaramaze gufatwa’’-NKURIKIYE

’’Ingingo zo gukomeza umutekano mu mpera z’umwaka zaramaze gufatwa’’-NKURIKIYE

mercredi 27 décembre 2017

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE avuga ko uretse isanganya rimwe ryabereye mu Kanyosha,aho abantu 8 bitavye Imana, 46 bagakomereka, hamwe n’irindi ryabereye muri komine Isale mu ntara ya Bujumbura Rural, ahandi mu gihugu cose hari hatekanye.

Pierre NKURIKIYE amenyesha ko umunsi mukuru wa Noweli wahimbajwe neza cane mu gihugu cose, kuko uko wahimbajwe abantu bari bisanzuye gusumvya uko vyari mu mwaka uheze wa 2016.

Umuvugizi w’igiporisi aranegura ariko abagifise agatima nk’ako mu myaka iheze, aho bama bavuga ngo barakenye, kandi uko vyamye bimeze ariko bikimeze n’uno munsi.

Pierre NKURIKIYE akavuga ko bisunze ivyegeranyo bafise mu giporisi c’Uburundi, umunsi mukuru wahimbajwe abantu bisanzuye, ariko ko ingingo zitanga umwimbu mwiza zamaze gufatwa mu gukomeza umutekano, ku munsi mukuru uheza umwaka.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.