IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe PARCEM risabira abanywanyi baryo bapfunzwe umwidegemvyo (...)

Ishirahamwe PARCEM risabira abanywanyi baryo bapfunzwe umwidegemvyo w’agateganyo

vendredi 30 Ruheshi 2017

Mw’itangazo ishirahamwe PARCEM ryasohoye kuri uno wa kane igenekerezo rya 29 Ruheshi 2017,riterwako umukono na Faustin NDIKUMANA arirongoye,ishirahamwe PARCEM rimenyesha ko amatohoza yamaze gukorwa yerekana ko yaba abajejwe intwaro canke abajejwe umutekano ata ruhande na rumwe rurerekana ko hoba hari igikorwa co guhungabanya umutekano carimwo.

Muri iryo tangazo,ishirahamwe PARCEM rimenyesha ko abanywanyi baryo bahagaritswe kubera ukutabonakumwe igikorwa bariko barakora co kugabisha ku bijanye n’igiturire hamwe n’ihonywangwa ry’agateka ka zina muntu.

Ishirahamwe PARCEM rikamenyesha ko mu bijanye no kurwanya igiturire n’isinzikazwa ry’agateka ka zina muntu, umuntu agabisha abajejwe intwaro n’abajejwe umutekano,aba ari umukunzi w’igihugu.

Ishirahamwe PARCEM rimenyesha ko ryiyemeje gukorana n’ubutungane,mu ntumbero yo kubandanya amatohoza.

Mu giporisi bavuze ko abo banywanyi ba PARCEM bagirizwa gushaka guhungabanya umutekano w’igihugu ,kandi ko amatohoza yerekanye ko babikoze batabitumwe n’ishirahamwe PARCEM.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.