IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe PARCEM rivuga ko amafaranga Reta ironka aguma agabanuka

Ishirahamwe PARCEM rivuga ko amafaranga Reta ironka aguma agabanuka

vendredi 12 janvier 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakauru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 12 Nzero 2018, Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM avuga ko ukwo kugabanuka kw’amafaranga bituma imigambi irangurwa iba mike.

Faustin NDIKUMANA amenyesha ko, bisunze umwihwezo bakoze ku mafaranga Reta yategekanije gukoresha uyu mwaka, ata mwizero bitanga kuko ayategekanywa ko bashobora kuronka aba ari make bigatuma ibikorwa vyo kugwiza umwimbu mu bisata bitandukanye vy’igihugu bitagenda neza.

Faustin NDIKUMANA yagize ati : “ Kuva inama nshingametaka yemeje itegeko rigenga amafaranga Reta izokoresha uyu mwaka wa 2018,ku mwihwezo twagize nta mwizero uriho kandi ntawobideha ko ingorane z’ubutunzi ,agashomeri mu rwaruka eka n’ubukene ari ibintu bigaragara .”

Faustin NDIKUMANA avuga ko ivyo biharuro bisubira inyuma bituma ibikorwa vyoranguwe,imigambi yo kugwiza umwimbu,igisata c’imibano vyose bigira ingaruka.

Muri iryo shirahamwe,bavuga ko Reta kwironderera amafaranga ubwayo bidashoboka, kuko ata vyegeranyo bibaho vyerekana uko amafaranga aba yakoze buri mwaka kugira hamenyekane ivyaranguwe n’ibitaranguwe.

Faustin NDIKUMANA yagize ati :“Kuva mu mwaka wa 2015,2016 nta cegeranyo kirasohoka cerekana uko amafaranga yakoze ivyo bituma igikorwa co kuronka uburyo buvuye muri twebwe bigora.”

Uwo arongoye PARCEM avuga kandi ko hatoguma hategurwa amafaranga azokoreshwa gusa ivyegeranyo vy’ingene amafaranga akora bidasohoka, bituma imigambi yarangutse n’iyitarangutse itamenyekana.

Muri PARCEM batera akamo ababijejwe kwikubita agashi kugira barabe uko imigambi yoja mu ngiro eka n’uburyo mu gihugu bukaboneka kuko igihugu gifise ubutunzi butari buke bwofasha na cena cane mu gushira imbere inyungu z’urwaruka .


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.