IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kanyosha : Igiporisi cafashe batandatu bagirizwa kwiba bakoresheje (...)

Kanyosha : Igiporisi cafashe batandatu bagirizwa kwiba bakoresheje imipanga

vendredi 17 novembre 2017

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uko ari batandatu bose bafatiwe muri quartier Gisyo, zone Kanyosha, Komine Muha iri mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, bafise imipanga itatu n’ivyo kumurikisha (torches) zitatu.

Uwo avugira igiporisi amenyesha ko bafashwe nk’igihe c’isaha icumi z’ijoro buca ari kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 17 Munyonyo 2017, bakaba bari mu murwi w’abantu bamaze iminsi bavugwa ko bakora ubusuma mw’ijoro ku bantu barengana.

JPEG - 72.8 ko
Bafatiwe mu Kanyosha (Gisyo) bagirizwa kwiba bakoresheje imipanga

Pierre NKURIKIYE arashimira abitanze bose kugira abo bafatwe, akamenyesha ko bamaze gutangura gukorerwa amadosiye kugira bashikirizwe ubutungane.

Mwomenya ko hari haheze ikiringo cababa ukwezi kumwe hafashwe abandi bane bagirizwa kwiba bakoresheje imipanga, muri ako gace ka Kanyosha nyene.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Izimbonerakure barazirenganya kuko bazihaye amahera ngo ziyerekane ko arizo ziba za KININDO ! Inter5ahamwe nkuru zikorana nicahoze citwa igipolisi c’uburundi ziracariko zitemagura abantu ukuri kwamye ! Reka kudusamaza sha NKURIKIYE genda uririmbe uhayagiza urukanywa nivyushoboye ! God damn DD

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.