IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Karusi : Umunyagihugu yagirijwe ubusuma yishwe

Karusi : Umunyagihugu yagirijwe ubusuma yishwe

mercredi 28 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Umunyagihugu wo mu bwoko bw’abatwa azwi kw’izina rya Prosper batazira DADA yagandaguwe mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri. Yishwe n’abanyezamu bamwagirije ubusuma. Abajejwe intwaro muri iyo ntara basaba abanyagihugu kuvavanura n’ingeso y’ukwihanira.

Ubwo bwicanyi bwabereye mu ntara ya Karusi, muri komine Gitaramuka. Uwo munyagihugu yishwe atemagujwe umupanga mu mutwe. Abamugandaguye ni abanyezamu bararira imirima y’ibiraya, bavuga ko yari umusuma.

Igiporisi co muri iyo ntara cataye muri yompi babiri muri abo banyezamu, bakaba biyemerera ko aribo bagandaguye uwo munyagihugu.

Abajejwe intwaro basaba ko ingeso y’ukwihanira yohagarara, uwufise ico yagiriza uwundi akitura ubutungane canke inzego zibijejwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.