IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Karusi: World Vision yatanze umuco ku binogo vyimbwe mu makomine (...)

Karusi: World Vision yatanze umuco ku binogo vyimbwe mu makomine atatu

samedi 18 Ruhuhuma 2017

Ishirahamwe World Vision Burundi rirabeshuza amakuru avuga ko hari ibinogo rusangi vyo guhambamwo abantu mu makomine ya Bugenyuzi, Gihogazi na Gitaramuka yo mu ntara ya Karusi.

Nkuko bishikirizwa n’umuyobozi wa World Vision mu Burundi, ivyo binogo vyari vyimbwe mu ntumbero yo kugira ubushakashatsi bw’ingene bokwegeranya amazi yofasha abanyagihugu kuvomera ibiterwa mu gihe c’ici.

Kubwo umuyobozi wa World Vision ivyo binogo 15 biri muri izo komine zitatu,vyari gufasha mu mugambi wo gufasha abanyakarusi gufungura neza, ariko ubwo buhinga ntibwashobotse.

Abajejwe intwaro, abajejwe umutekano n’abanyagihugu bari bishikiye kuraba ivyo binogo, aho basanze abanyagihugu basigaye babikoresha mu kubiteramwo ibitoke.


IGIHE

Messages

  • Jewe Abubu Basigaye Bantangaza Kuberiki Biyumviriye Kwarivyo Guhambamwo Abatutsi? Barafise Ivyemezo Ababivuze? Izo Nizanyanka Burundi Tumenyereye Ngaha Muce Hasi Muce Hejuru Ntaco Muzoshikako Ndabarahiye. Reka Tubirabe.

  • Cobla Rouge nawe usoma ivyo wiyumvira mu mutwe!Ivyo uvuze ubisomye hehe ko kwarivyo guhambamwo abatutsi?Ukuri kurivuze!Ivyo nico mwabiteguriye none urabidedemvye!Yaaaaaaahaaaa!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.