Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Karusi: World Vision yatanze umuco ku binogo vyimbwe mu makomine (...)
Karusi: World Vision yatanze umuco ku binogo vyimbwe mu makomine atatu
samedi 18 Ruhuhuma 2017
Ishirahamwe World Vision Burundi rirabeshuza amakuru avuga ko hari ibinogo rusangi vyo guhambamwo abantu mu makomine ya Bugenyuzi, Gihogazi na Gitaramuka yo mu ntara ya Karusi.
Nkuko bishikirizwa n’umuyobozi wa World Vision mu Burundi, ivyo binogo vyari vyimbwe mu ntumbero yo kugira ubushakashatsi bw’ingene bokwegeranya amazi yofasha abanyagihugu kuvomera ibiterwa mu gihe c’ici.
Kubwo umuyobozi wa World Vision ivyo binogo 15 biri muri izo komine zitatu,vyari gufasha mu mugambi wo gufasha abanyakarusi gufungura neza, ariko ubwo buhinga ntibwashobotse.
Abajejwe intwaro, abajejwe umutekano n’abanyagihugu bari bishikiye kuraba ivyo binogo, aho basanze abanyagihugu basigaye babikoresha mu kubiteramwo ibitoke.
IGIHE
Messages
20 Ruhuhuma 2017, 06:21, par Cobla Rouge
Jewe Abubu Basigaye Bantangaza Kuberiki Biyumviriye Kwarivyo Guhambamwo Abatutsi? Barafise Ivyemezo Ababivuze? Izo Nizanyanka Burundi Tumenyereye Ngaha Muce Hasi Muce Hejuru Ntaco Muzoshikako Ndabarahiye. Reka Tubirabe.
20 Ruhuhuma 2017, 15:43, par Alice Irumva
Cobla Rouge nawe usoma ivyo wiyumvira mu mutwe!Ivyo uvuze ubisomye hehe ko kwarivyo guhambamwo abatutsi?Ukuri kurivuze!Ivyo nico mwabiteguriye none urabidedemvye!Yaaaaaaahaaaa!