IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > umutekano > Kinama: Igiporisi cafashe umugabo akora impapuro za magendu

Kinama: Igiporisi cafashe umugabo akora impapuro za magendu

Friday 23 February 2018

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko Etienne NDAYISENGA yafatiwe muri zone ya Kinama, muri karitiye ya Ngozi,mu nzu y’umuntu bakorana muri ico gikorwa kigayitse co kwigana impapuro zitandukanye.

Bimwe mu vyafashwe muri iyo nzu n’ibimangu 6 bitandukanye,impapuro bakoresha mu ma banki atandukanye ,imashini zo kwandika 6 za kera,amafishe 50 y’amakarata karangamuntu ataruzuzwa, hamwe na karangamuntu zimaze kwuzuzwa zishika 40 zinateweko n’igikumu .

Ibindi vyafashwe nk’uko bishikirizwa n’uwo muvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano n’icuma kigwiza ivyandiko vyo ku mpapuro bita impirimante ,udupapuro bahereza abantu bahejeje kuriha amafaranga hamwe n’impapuro za magendu zitandukanye zitangwa mu ma komine atandukanye.

Pierre NKURIKIYE avuga ko uwo yafashwe niwe yaterako urukumu kuri izo karangamuntu yiyita ko ari musitanteri wa komine Ntahangwa, mu gihe izo yasinye ku musi wa gatatu no ku wa kane uheze bizwi ko musitanteri wa komine Ntahangwa ata karangamuntu yateyeko urukumu.

Arongera akavuga ko ari ibara ku mutemere kubona hari abajejwe intwaro bafashanya n’izo nkozi z’ikibi mu bikorwa bigayitse.

Yarangije avuga ko hari abakironderwa muri ubwo bugizi bwa nabi bagirizwa gukorana na Etienne NDAYISENGA abo nabo, ni umukuru wa karitiye ya Ngozi hamwe n’umukuru wa karitiye ya Muyinga zo muri zone Kinama.


BIKORIMANA Vianney

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.