IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Kirundo : Umugabo yishe abana biwe batatu nawe aca ariyahura

Kirundo : Umugabo yishe abana biwe batatu nawe aca ariyahura

samedi 7 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Iryo bara ryabaye kuri uwu wa gatanu, abajejwe intwaro muri komine Busoni akaba aribo baje gukura ivyo biziga mu nzu.

Abo bana bagandaguwe umwe yari afise imyaka umunani, uwa kabiri imyaka itanu, uwa gatatu nawe umwaka umwe. Abajejwe intwaro bamenyesha ko batashoboye kumenya igituma uwo mugabo yishe abana yivyariye, nawe yongera ariyahura yimanitse ku mugozi.

Amakuru ava aho muri komine Busoni ariko ataremezwa n’abajejwe intwaro amenyesha ko uwo mugabo yari mu bukene budasanzwe, aho atari akironka ico agaburira abo bana, mbere n’umugore wiwe nyina w’abo bana akaba yaheruka kwahukana muri urwo rugo.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.