IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Makamba : Umuntu umwe yarapfuye, 17 barakomereka mw’isanganya (...)

Makamba : Umuntu umwe yarapfuye, 17 barakomereka mw’isanganya ry’imodoka

vendredi 23 mars 2018

Amakuru ava aho mu ntara ya Makamba, amenyesha ko iryo sanganya ryabereye ku musozi Rukonwe, aho imodoka yunguruza abantu yo mu bwoko bwa Hiace, yasetse inkombe, ica iratembegara.

Ayo makuru nyene amentesha ko, muri abo bakomeretse harimwo ababaye cane, harimwo n’uwariko atwara iyo modoka, bamwe bakaba bariko bavurirwa i Makamba, abandi bakaba bariko bavurirwa mu gisagara ca Bujumbura.

Si irya mbere muri ico kibanza habera isanganya,kuko hama haguye imodoka, zigahitana ubuzima bw’abatari bake.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.