IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musigati : Abantu babiri bishwe barashwe n’abaporisi

Musigati : Abantu babiri bishwe barashwe n’abaporisi

vendredi 15 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Inyuma y’amasasu yumvikanye kuri uwo mutumba, abandi bantu batatu barahagaritswe, Musitanteri wa Komine Musigati akemeza ko abo bafashwe bari kumwe n’abo barasanye n’abaporisi mw’isakwa ryabaye kuri uwo mutumba wa Mpishi.

Mu giporisi bavuga ko muri iryo sakwa abajejwe umutekano bariko barondera inkoho yibwe umuporisi yagandaguwe n’abantu bamusanze kuri Posita ibika amafaranga ya Musigati, mu kwezi kwa gatandatu.

Jean Bosco NDUWIMANA, Musitateri wa Komine Musigati avuga ko abo bishwe n’abaporisi aribo batanguye kurasa abajejwe umutekano.

Uwo arongoye komine Musigati asaba abanyagihugu kwama batanga amakuru ku bajejwe umutekano, igihe cose biketse abagizi ba nabi.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.