IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Amasasu kw’ikambi ya Mukoni : Abantu batanu bafashwe n’inkoho (...)

Amasasu kw’ikambi ya Mukoni : Abantu batanu bafashwe n’inkoho zine

mardi 24 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Abantu batanu nibo bafashwe inyuma y’amasasu yumvikanye mu micungararo y’ahari ikambi y’igisirikare yo ku Mukoni,mu ntara ya Muyinga, nk’uko vyashikirijwe na Colonel Gaspard BARATUZA. Uwo avugira igisirikare c’Uburundi arahakana ko atari igitero cakozwe kuri iyo kambi.

Mu kiganiro yatanze kuri mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, Colonel BARATUZA Gaspard yamenyesheje ko abasirikare bariko bakizura hafi y’ikambi yo ku Mukoni nk’igihe c’isaha umunani n’iminota 30 z’ijoro barashwe n’abagizi ba nabi bitwaje inkoho, ariko ko atacononekaye. Colonel BARATUZA avuga ko abo barashe abasirikare ari abasuma bariko bagerageza kwiba mu mihana yegereye iyo kambi, ariko bateshejwe.

JPEG - 44.4 ko
Colonel Gaspard BARATUZA, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Igisirikare c’Uburundi kivuga ko muri abo bantu barasanye n’abasirikare hafashwemwo abagera kuri batanu, hongera hafatwa inkoho zine zo mu bwoko bwa Kalashnikov, ibikono 10 vy’amasasu hamwe n’ibisasu ntezwaminwe (Grenades) bibiri.

Ku vyari vyashikirijwe n’abajejwe intwaro mu ntara ya Muyinga, aho bari bamenyesheje mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri ko ari abantu bitwaje inkoho bagerageje gutera ikambi yo ku Mukoni, Colonel Gaspard BARATUZA avyamirira kure.

"Abantu badashika na 10 ntibashobora gutera ikambi bafise inkoho zine, ikambi irimwo abasirikare hafi amajana atandatu."

Mu kwezi kwa Kigarama umwaka w’2015, harakozwe ibitero ku makambi atandukanye y’i Bujumbura, ibitero vyakurikiranye n’igandagurwa ry’abantu bagera kw’ijana na mirongo itanu, nk’uko vyashikirijwe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.