IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya : Imbuga ngurukanabumenyi z’umugambwe uri ku butegetsi zatewe (...)

Nijeriya : Imbuga ngurukanabumenyi z’umugambwe uri ku butegetsi zatewe n’abagizi ba nabi

lundi 16 avril 2018

Umugambwe All Progressive Congress (APC), umenyesha ko Twitter, Instagram, Facebook n’urundi rubuga rumwe rukoreshwa mu gutanga amakuru, ariyo yahinduwe.

Amakuru y’ikinyamakuru Premium Times, amenyesha ko umugambwe APC ukibimenya, waciye ufata ingingo zikomeye harimwo guhindura imbuga zose uwo mugambwe wahora ukoresha.

Premium Times kimenyesha ko, ku wa gatandatu igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2018, ariho kuri Twitter y’umugambwe APC vyatangura kubonekako hari abariko bacishako amakuru adahuye n’ivyo basanzwe bacishako.

Umunyamabanga ajejwe gutumatumanako amakuru mu mugambwe APC, Bolaji Abdullahi, yamenyesheje ko imirongo ngurukanabumenyi yose y’umugambwe yahinduwe.

Igihugu ca Nijeriya kiri mu bihugu bikunda guterwa n’abagizi ba nabi ku mugabane wa Afrika, baciye ku buhinga ngurukanabumenyi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.