IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nijeriya : Reta yagirizwa kunanirwa kugenzura umuti w’inkorora ukoreshwa (...)

Nijeriya : Reta yagirizwa kunanirwa kugenzura umuti w’inkorora ukoreshwa nk’ikiyayuramutwa

mardi 1er mai 2018

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko igisata cayo gikora itohoza, Africa eye, cerekanye ukuntu hari abantu bakorana n’ibigo bidandaza imiti muri Nijeriya, bagurisha ku magendo umuti w’inkorora witwa codeine.

Mu gisagara ca Kano kiri mu buraruko bw’igihugu, ikigo ca Reta kijejwe kurwanya ibiyayuramutwe kivuga ko naho gisaka kenshi, gishobora gukura mu mabarabara cumi kw’ijana gusa vy’uwo muti.

Iradiyo y’abongereza BBC, imenyesha kandi ko, yasanze hari abantu basinzikajwe n’uwo muti banwa nk’ikiyayuramutwe, baboshwe n’iminyororo kugira ntibagire uwo bahohotera, mu kigo ca Reta kivura abantu nk’abo


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.