Accueil > Amakuru > umutekano > ’’Nta murwi unyuruza abana ubajana mu bintazi tuzi’’-Pierre NKURIKIYE
’’Nta murwi unyuruza abana ubajana mu bintazi tuzi’’-Pierre NKURIKIYE
mardi 8 mai 2018
Pierre NKURIKIYE vugira ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza, amenyesha ko hari ubugizi bwa nabi busanzwe bwakorewe abana mu mezi aheze, ariko ubushikiranganji bwabuhagurukiye ubu bukaba bwaragabanutse.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza, avuga ko ata muntu n’umwe aritura igiporisi akibwira ko hari umurwi utwara abana, akavuga ko ayo makuru afise intumbero yo guhungabanya umutekano w’abanyagihugu.
Pierre NKURIKIYE asaba ariko uwoba afise amakuru kutayacisha ku buhinga ngurukanabumenyi, nka whatsapp na facebook, ariko ayajane mu giporisi, kuko arico gifise ubushobozi bwo gutohoza,kugira babikurikiranire hafi.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga Ibiza, yibutsa abavyeyi ko ari ibanga ryabo gukurikiranira hafi ibibondo vyabo, mbere akabasaba kwiyegereza abana.
MUGISHA Van Naris