IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Muri Afrika > Nyina w’umukuru wa Boko Haram aratera ivyatsi ibikorwa vy’umuhungu (...)

Nyina w’umukuru wa Boko Haram aratera ivyatsi ibikorwa vy’umuhungu wiwe

Monday 18 June 2018, by vianney

Amakuru dukesha iradiyo BBC amenyesha ko mu kiganiro nyina wa Abubakar Shekau yagiraniye n’iradiyo ijwi ry’Amerika yamenyesheje ko Abubakar Shekau ari umwana wiwe kandi nyina w’umuntu yama akunda umwana wiwe, ariko atandukanye nawe ari naco gituma amusabira ku Mana kugira imwereke inzira nziza.

Falmata Abubakar yavuze ko ivyo umuhungu wiwe yakoze yakwegeye ibara abantu benshi atabona aho yohurira na we kugira amubwire ko ivyo akora ari bibi cane.

Falamata Abubakara yavuze ati :“Umuhungu wanje yagize ingeso yisangije aca aragenda, Sinzi iyo myifato iyo ari yo niyo yayikuye,Imana yonyene niyo ibizi.”

Uwo nyina wa Abubakar Shekau avuga ko atazi ko umuhungu wiwe akiriho canke yapfuye.

Umugwi w’abagwanyi ba Boko Haram watanguye kugwanya reta y’igihugu ca Nijeriya mu mwaka wa 2009, mu ntumbero yo gushiraho Reta y’idini rya Isiramu mu karere ka Afrika yo mu burengero.

Bivugwako uwo murwi kuva utanguye gukora ibitero umaze kwica abantu bangana ibihu;bi 20.000 mu gihe abashika imiriyoni 2 nabo bateshejwe izabo.

Abubakar Shekau yatanguye kurongora umurwi wa Boko Haram mu 2015 ariko mu mwaka wa 2016 uyo murwi wiciyemwo ibice aho hasohotse amakuru avuga ko mu kibanza ca Shekau hagiye uwitwa Abu Musab al-Banawi, vyagurwako ari umwana w’uwatanguje uwo muhari.

Abubakar Shekau yaravyiyamiirije avyamirira yongera ashikiriza yuko ariwe akirongoye uwo murwi.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.