Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME isaba Reta kugabanya amatagisi asabwa abanyagihugu batobato
OLUCOME isaba Reta kugabanya amatagisi asabwa abanyagihugu batobato
vendredi 27 Nzero 2017
Ishirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME risaba Reta y’Uburundi kugabanya amatagisi risaba abanyagihugu batobato,ahubwo iyasabe abifise mu ntumbero yo kurwanya inzara,ibiturire n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta.
Nkuko biri mw’itangazo ryashikirijwe n’ishirahamwe OLUCOME kuwa gatatu igenekerezo rya 25 Nzero umwaka wa 2015,iryo shirahamwe rimenyesha ko ingorane igihugu caciyemwo kuva mu mwaka wa 2015 zatumye ubutunzi bw’igihugu buhungabana.
Muri iryo tangazo,ishirahamwe OLUCOME rimenyesha ko igihugu c’Uburundi kiri mu bihugu bibangamiwe n’ubukene ,aho abanyagihugu barenga imiliyoni zitatu barembejwe n’inzara,muri abo abarenga umuriyoni bashobora gupfa badafashijwe mu maguru masha.
Ishirahamwe ryishinze kurwanya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta OLUCOME rimenyesha ko igihugu c’Uburundi ubu kiri mu bihugu bfise amafaranga make bikoresha kandi bibangamiwe cane.
OLUCOME imenyesha ko indyane za politike ziri mu gihugu zatumye ubutunzi bw’igihugu buhungabana,intwaro itabereye mu bijanye na politike n’ubutunzi vyatumye ubutunzi bw’igihugu busubira inyuma.
IGIHE
Messages
27 Nzero 2017, 14:28, par Sibomana
None Aho Kutuzanira Ifashanyo Mukadusabira Mumakungu Muguma Muvuga Poritike Nkuko Umenga Muribu Nimba Utari Umunyaporitike Dusabire Ifashanyo Twebwe Abanyagihugu Bato Bato Kuko Naho Bafata Ibhano Uburundi Abategetsi Wibaza Ngo Birabafata Emwe Ivyatsi Nivyo Bihasigara
27 Nzero 2017, 18:14, par Nema
Ewe Rufyiri None Ko Uvuga Letagusa Wewe Nawe Uriko Udufasha Iki ? N ’urye Gusa ! !
27 Nzero 2017, 18:55, par Hakiziman
Iryo Shirahamwe Riravuga Ntirivura
27 Nzero 2017, 19:09, par Nema
Ewe Rufyiri . None Wewe Gishasha Utuzaniye Murikigihe Cinzara Muganiwawe Nikihe ? Kutumarira Gusa Abategetsi Vyo Urabizi ! Uhubwo Ryagusa .
27 Nzero 2017, 19:37, par Avec
Jewe imvugo zanyu sindazitahura’
Umwanyumwe ngo abanyagihugu batobato ntibabasabe amatagisi aho ukacunengo murabakunda,
Uyundimwanya ngo amakungu nahagarike gufasha abarundi,
Uyundimwanya ngwitwaro ntibereye!
None ivyorimwo uravuga twomenyagute kwatarukurwanya reta?