IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > OLUCOME risaba Reta gushira mu ngiro amasezerano ya ONU yo kurwanya (...)

OLUCOME risaba Reta gushira mu ngiro amasezerano ya ONU yo kurwanya igiturire

jeudi 31 mai 2018

Mw’itangazo ishirahamwe OLUCOME ryashize ahabona kur’uyu wa kane igenekerezo rya 31 Rusama 2018, iryo shirahamwe rimenyesha ko, muri ino minsi hibonekeza ukurya igiturire ku rugero rwo hejuru, mu bisata bimwe bimwe vy’igihugu.

Ishirahamwe OLUCOME, rimenyesha ko ahibonekeza igiturire cane, ari mu gisata kijejwe amasoko ya Reta, aho kubw’iryo shirahamwe bavuga ko ata muntu atsindira isoko ya Reta adatanze igiturire.

Muri iryo tangazo, ishirahamwe OLUCOME, risaba Reta gushira mu ngiro ibiri mu masezerano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ajanye no kurwanya igiturire, n’amasezerano y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yo gukinga no kurwanya igiturire.

Ishirahamwe OLUCOME risaba kandi Reta, gusubiramwo itegeko rirwanya igiturire mu gukuramwo amakenga aririmwo no kurwanya ukudahana, biciye mw’ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.