IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM: Hari abategetsi n’abadandaza bungukira mw’ikena ry’isukari

PARCEM: Hari abategetsi n’abadandaza bungukira mw’ikena ry’isukari

mercredi 8 Ruhuhuma 2017

Umukuru w’ishirahamwe ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendop PARCEM amenyesha ko hari abategetsi bamwe bamwe n’abadandaza bariko bungukira mu mw’ikena ry’isukari.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa kabiri igenekerezo rya 7 Ruhuhuma umwaka wa 2017, Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM amenyesha ko atewe impungenge n’indimi zibiri zishikirizwa n’abategetsi b’igihugu ku rudandazwa rw’isukari.

Faustin NDIKUMANA amenyesha koabategetsi bamwe bavuze ko kugira barwanye ubukene bw’isukari igihugu kizokwikora kw’isukari izova hanze ,mu gihe umushikiranganji w’ubudandaji nawe yavuze ko isukari ihingurwa na SOSUMO ishobora gukwira abayikeneye mu gihugu.

Umukuru w’ishirahamwe PARCEM avuga ko atewe impungenge n’igiciro isukari ivuye hanze izogurishwako,kuko amafaranga y’agaciro hari make mw’Ibanki Nkuru ya Republika.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.