IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM isaba Reta kwama yubahiriza ingingo zijanye n’amafaranga ikoresha ku (...)

PARCEM isaba Reta kwama yubahiriza ingingo zijanye n’amafaranga ikoresha ku mwaka

mercredi 4 Gitugutu 2017

PARCEM yabishikirije mu gihe inama nshingamateka iheruka kwugurura kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 2 Gitugutu 2017 ibikorwa vyayo vyo mu kwezi kwa Gitugutu guhariwe kwiga amahera Reta ikoresha mu mwaka uba ukurikira.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru, Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM yamenyesheje ko inama shingamateka ibwirizwa kwibutsa Reta kugira ikwirikize ingingo zijanye n’amafaranga Reta ikoresha kuko bitera bita inzira.

Faustin NDIKUMANA avuga ko ibikorwa birangurwa mu mwaka ukurikira bitegurwa mu kwezi kwa Ntwarante naho mu kwezi kwa Myandagro bigaca biherahezwa.

Umukuru wa PARCEM amenyesha ko kuba izo ngingo zidakwirikizwa bituma haba abantu biyadukiza bagatoza amafaranga atari mu nteguro y’amafaranga Reta yategerezwa gukoresha bitwaje ngo hari ivyo bashaka kwubaka, ibituma ico gisata gidakora neza.

Faustin NDIKUMANA avuga ati : “Hariho ivyadutse aho usanga hari abantu batoza amafaranga ataho vyanditse bitwaje ngo hariho ivyo bashaka kwubaka, nk’impapuro zitanga uruhusha rwo kugendesha imiduga, amafaranga yahatswe gutoza ajanye n’ugusuzuma imiduga”.

Muvyo Reta yategerezwa gukora mu kwubahiriza izo ngingo zijanye n’amafaranga Reta ikoresha buri mwaka, ishirahamwe PARCEM rivuga ko Abashikiranganji bategerezwa kwaka amafaranga bakoresha ajanye n’imigambi yateguwe, amafaranga ategerezwa gutorezwa kuri konte imwe ya Reta biciye mu gisata kijejwe gutozwa amakori n’amatagasi OBR, ivyegeranyo vyerekana uko amafaranga buri inyuma y’amezi 3 arangiye uko yakoze bikama bisohorwa hamwe n’uko ibijanye n’amasoko ya Reta uko yagenze ko vyose vyotegerezwa kwama bitangwa ku gihe mu nama nshingamateka.

Faustin NDIKUMANA atera akamo kandi ko intererano y’igisata c’ubutare mu butunzi bw’igihugu navyo vyategerezwa kwerekanwa mu nama nshingamateka, mu gihe hariko harigwa izo nteguro.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.