IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > PARCEM yashize ahabona ibintu 6 vyerekana igihugu cafashe umurindi (...)

PARCEM yashize ahabona ibintu 6 vyerekana igihugu cafashe umurindi w’iterambere

jeudi 8 février 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa kane igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018,Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM yamenyesheje ko Uburundi bukunda kuba mu bihugu vya nyuma, ndetse n’umwimbu w’umunyagihugu ku mwaka wama uri munsi y’amadorare amajana atatu mu gihe ibindi bihugu birenza amadorare amajana indwi.

Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM, yavuze ko igihugu c’Uburundi kiza mu bihugu 4 vya nyuma k’urutonde rw’ ibihugu 54 vyo k’umugabane wa Afirika rusohoka buri mwaka ku bijanye n’iterambere.

Faustin NDIKUMANA yavuze ko ibintu vyerekana ko igihugu cafashe umurindi wo gutera imbere igihugu c’Uburundi kitarabishikako ; navyo akaba ari nk’ibijanye no gushiraho igitabo cerekana imigambi y’iteramabere iriko iraja mu ngiro ifatiye ku butunzi igihugu gifise,integuro ifatiye ku migambi y’igihugu n’ingene izoshikwako.

JPEG - 40 ko
Faustin NDIKUMANA,Umukuru w’ishirahamwe PARCEM

Ibindi muri PARCEM bavuga ko vyerekana igihugu cafashe umurindi w’iterambere n’ibijanye n’amahinduka mu ngendo yerekana ko Reta iriko irashigikira abikorera utwabo,kurwanya igiturire,kuvyura ubutunzi bw’abanyagihugu bato bato hamwe n’uko igihugu kitarangwamwo indyane za poritike .

Muri ico kiganiro,Faustin NDIKUMANA yaheraheje avuga ko ivyo bintu bitandatu bitariko birashirwa mu ngiro , atavyo guteza imbere umunyagihugu canke igihugu vyokwigera bishikwako.


BIKORIMANA Vianney

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.